IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca OAG gisaba abatwara gukorera ineza y’ababatoye

Icegeranyo ca OAG gisaba abatwara gukorera ineza y’ababatoye

mardi 13 Myandagaro 2013

Ishirahamwe OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) rikuririkiranira hafi ibikorwa vya Leta ryatunganije kuri uyu wa kabiri ikiganiro mu ntumbero yo gushira ahabona icegeranyo c’ivyaranguwe na Leta mu kiringo c’amezi atandatu ya mbere y’umwaka w’2013. Muri ico kiganiro, icegeranyo cakozwe cashimikiye ku bice bine bikuru bikuru vy’ubuzima bw’igihugu.

Mu bijanye na politike n’intwaro ibereye, basanze hadategurwa amanama akwiye kugira abashikiranganji bahure n’abatowe n’abanyagihugu, babasigurire ku bikorwa vy’ubushikiranganji bajejwe. Ku ruhande rw’abo batowe nabo aribo bashingamateka n’abakenguzamateka, vyagaragaye ko rimwe na rimwe batora amategeko asa n’ayabaka uburenganzira bwo gukurikirana ibikorwa vya Leta.

Ico cegeranyo kirashima abanyepolitike bagarutse mu gihugu, ariko kikanegura ibikorwa vy’ihungabanwa ry’umutekano ryagirizwa mu ice bimwe bimwe vy’igihugu urwaruka “Imbonerakure” rukomoka ku mugambwe uri ku butegetsi, hamwe n’ubundi bwicanyi ndengerabutungane, ivyo vyose bikarenzwako uruho rw’amazi kandi ababikoze baba bazwi, rimwe na rimwe bakaguma bidegemvya, abapfunzwe nabo ntibamareyo na kabiri. Ico cegeranyo nticibagiye n’ikibazo c’imiduga ya Leta yahawe abategetsi ku mafaranga make cane bageranije n’agaciro k’iyo miduga, ivyo bikaba vyakozwe ata bushakashatsi bukozwe, mu mugambi “Charoi zero” wo kugabanya imiduga Leta ikoresha.

Nk’uko vyabandanije bivugwa n’umukuru w’ishirahamwe OAG, mu gisata c’imibano, haravugwa ikibazo c’ibikorwa rusangi bitarahabwa amategeko abigenga, abatavyitavye kenshi bikabagirira ingaruka hamwe hamwe nk’ukubima impapuro baba bakeneye muri komine.

Mu gihe Cholera (indwara iva kw’isuku rike) yagisibije, ico cegeranyo kiranegura ukutumvikana kuri hagati y’abanyagihugu, uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura n’amashirahamwe avuga ko akora igikorwa co gukuru imyavu cahora gikorwa n’ishirahamwe SETEMU (Services Techiques Municipaux).

Mu kurangiza, mw’ishirahamwe OAG basaba abashingamateka n’abakenguzamateka gukoresha ububasha bahabwa n’amategeko mu gukurikiranira hafi ibikorwa vy’abatwara, Leta nayo yamane umuco wo gushira ahabona ivyo iriko irarangura ku neza y’abanyagihugu bo bene ubutegetsi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.