IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca ONU ku mugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi (...)

Icegeranyo ca ONU ku mugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR

vendredi 18 Nzero 2013

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu co kuva mu mwaka w’2008 gushika mu mwaka w’2012 kuvyerekeye agateka ka zina muntu cerekana ko umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR ushobora kutajaho kubera inyungu z’abantu bamwe bamwe muri plitike.

Italike 24 Nzero uyu mwaka, hazokoranira inama i Geneve mu Buswise yerekeye ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi kuva mu mwaka w’2008. Hatumiwe abazoserukira Reta, abanyepolitike hamwe n’amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu.

Ico cegeranyo harimwo igice kivuga ivyerekeye ubutungane bunywanisha bw ‘inyuma y’intambara hamwe n’umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi. Vyari vyitezwe ko uwo mugwi ujaho kuva mu mwaka w’2008 ariko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aheruka kumenyesha ko uzojaho mu kwezi kwa Ruhuhuma uyu mwaka w’2013.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.