Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icicaro gikuru ca EAC cuguruwe muri Tanzaniya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Icicaro gikuru ca EAC cuguruwe muri Tanzaniya

Icicaro gikuru ca EAC cuguruwe muri Tanzaniya

vendredi 30 Munyonyo 2012

Ku musi uyu wa gatatu, igenekerezo rya 28 Munyonyo, umukuru w’igihigu Petero Nkurunziza, yarafashe urugendo rumushikana Arusha muri Tanzaniya aho yagiye guhurira na bagenziwe basangiye ishirahamwe rya Afirika y’ubuseruko mu birori vyo kwugurura icicaro c’iryo shirahamwe. Inyuma y’aho azoca aja muri Kenya.

Ibiro vyo kumenyeshamakuru vy’umukuru w’igihugu bivugaga ko umukuru w’igihugu yagiye Arusha mu birori vyo kwinjira icicaro gikuru c’ishirahamwe rya Afirika y’ubuseruko kumwe na bagenziwe basangiye iryo shirahamwe. Inyuma y’aho, bitegekanijwe ko bazoca baja muri Kenya aho bazugurura icese ibarabara rya kijambere Arusha-Namanga-Athi River, rifise uburebure bw’ibilometero 240.

Ivyo bikorwa bizotangurwa n’inama igira 14 y’abakuru bibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko, ibera i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya hagati y’amagenekerezo ya 29 na 30 Munyonyo. Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha, ngo muri iyo nama, harategekanijwe ishirwaho ry’abarongora iryo shirahamwe. Iryo naryo, ngo rigiye kurongorwa n’ubuganda, hama u Burundi bwegukire ikibanza c’umunyamabanga nshigwabikorwa.


Ndayikengurutse Jean Michel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.