Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ico uri uno munsi cerekana ico uzoba ejo hazoza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ico uri uno munsi cerekana ico uzoba ejo hazoza

Ico uri uno munsi cerekana ico uzoba ejo hazoza

lundi 7 Nzero 2013

Burya ico uri uno munsi cerekana ico uzoba ejo hazoza kandi nico uri uno munsi ugiterwa n’ico wari ejo haheze nico gituma umuntu yari akwiye gutegura neza ejo hazoza mu buzima bwiwe kuko ico wipfuza kuzoba utegerezwa gutangura kugitegura ubu.

Iyo uravye neza usanga ici ciyumviro arico kandi kivuga ukuri kuko iyo uganiriye n’abantu benshi bakubwira ko ico bari ubu batanguye kugitegura kera bakiri bato. Iyo uganiriye n’abantu benshi bakomakomeye mbere bafise ivyo barongoye canecane nk’abanyepolitik ndetse n’abandi bari mu vyicaro bitandukanye bakubwira ko ico bari batanguve kucitegurira bakiri bato bisigura ko babiharaniye bica bituma biga amashuri ajanye n’ivvo bashaka kuzoba bica bituma kandi bakora ukwo bashoboye kugirango intumbero yabo bazoyishikeko.

Nk’akarorero usomye kahise k’umukinyi rurangiranwa Lionel Messi, yatanguye kuboneka ko afise ingabire yo gukina umupira w’amaguru akiri umwana muto, ivyo navyo bica bituma nawe abikurana kandi abigira integuro yo kuzoba umukinyi rurangiranwa maze abitegura neza kandi intumbero yiwe ubu yarayishitseko.

Iyo uravye rero mu buzima busanzwe canecane nko k’urwaruka, iyo uri nk’umusore canke umwigeme bikaba vyarakunaniye gufata ingingo yo gukunda umukobwa umwe canke umusore umwe kenshi mbere n’iyo wubatse urugo rwawe usanga rudakomeye kuko gukwirwa n’umugore umwe canke n’umugabo umwe birakugora kuko ico wari ukiri urwaruka cerekana ico uzoba muri kazoza kawe.

Nico gituma rero umuntu wese yarakwive guharanira gutegura neza ejo hazoza hiwe kandi twese tugize iyo ntumbero bishobora gutuma ibintu bihinduka ku buzima bwacu ndetse no ku gihugu cacu.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.