Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > "Icompa umugore nk’urya sinorenga ibigo" kubera iki abagabo babirenga?
"Icompa umugore nk’urya sinorenga ibigo" kubera iki abagabo babirenga?
vendredi 21 Ruheshi 2013
Muri iki gihe ca none abubakanye baragirizwa kurenga ibigo, ivyo bikaba vyibonekeza mu ngo nyinshi. Mu ntumbero yo gushaka kumenya uko abantu bumva iki kibazo muri ino misi,twashatse guhera ku ruhande rumwe arirwo rw’abagabo barenga ibigo hanyuma naho tuzobabwira ku ruhande rw’abagore nabo. Twashatse kumenya igituma abagabo bo muri iki gihe barenga cane ibigo,turaheza tuyaga na bamwe bamwe.
Benshi muribo bemeje ibituma bibiri biza imbere y’ibindi.bavuze ko umugabo arenga ibigo aba asanzwe afise iyo ngeso hama kandi ngo hari aho biva ku bagabo ubwabo.Tubajije ico umugore yokora kugira umugabo nta muvange,babitwishuye mu mirwi cumi:
Ubwenge : Umugabo wese yemera umugore azi guha agaciro umugabo kandi akongera akiyumvira ibntu vyinshi vyubaka.
Umunezero : Umugore yama anezerewe naho yoba afise ibibazo, akaguma akeye mu maso kandi akamenya kumwenyura yishimirwa n’umugabo wiwe.
Ikiganiro : N’ubwo bidakorwa n’abagore benshi ariko umugore niwe abwirizwa kuza ubwa mbere akaganiriza umugabo ku bintu bitandukanye, cane cane ivyerekeye urugo inyuma y’udukuru dutwenza baba bavuyemwo.
Ukwakira : Kwakira umugabo neza igihe atashe, ukamenya ko akenera kwoga, kugaburirwa n’ibindi bijanye no kumwakira.
Ubwiza : kwama ukeye , wambaye neza ni ukuvuga impuzu zimeshe aho uba uri hose.
Igikoni : Naho abagabo badakunda ivyokurya ariko kandi nta mugabo yishimira kwama atekerwa ivyo atarya canke adakunda. Gutekerwa nabi mu rugo ni kimwe mu bituma abagabo baja kurira mu buriro no mu bubare. Umugore akwiye gutekera umugabo igihe yiriwe muhira kuko biri mu bishimisha umugabo, Nta mugabo ashimishwa no kurya ivyatetswe n’umukozi igihe umugore wiwe birirwanye muhira.
Ukwiyumanganya : umugore ntagomba kwereka umugabo ko ababaye mu gihe bitavuye ku mugabo.
Urugo : Umugore abwirizwa kwitaho umuryango wiwe. Nta mugabo n’umwe yishimira gukora wenyene mu rugo ngo abe ariwe batega amaboko harimwo n’umugore wiwe kandi nawe afise ubushobozi bwo gukora agafasha umugabo. Kuvuga urugo harimwo n’amabanga y’abubatse, nta mugabo akunda kuvunika wenyene muri ico gikorwa.
Imico : Umugore abwirizwa kuba afise imico myiza, ni ukuvuga agerageza kwitwararika imico y’umugabo kugira ashobore kumutahura kandi akerekana indero mu rugo bose bakabona ko yarezwe uhereye ku mugabo wiwe, abana biwe, umukozi.
Icubahiro : Umugore ategerezwa kwiyubaha , kubaha umugabo akamuha icubahiro mu bandi n’aho ari hose. Ibanga burya ngo ni kimwe muvyo abagabo bakunda. Nta mugabo anezerezwa no kumva hanze amabanga y’urugo kubera umugore aba yagiye kubivuga. Umugore azi kwigumya mu bibazo vy’urugo ashimwa cane n’umugabo wiwe.
Naho abagabo bavuga ibi ariko buri mugore ashobora kuba azi ivyo akorera umugabo wiwe mu rugo canke uko yitwara ku mugabo wiwe bakarwubaka rugakomera.
Hanyuma naho tuzobashikiriza bimwe mu bituma abagore barenga ibigo bakavanga abagabo babo.
Prosper Ndayikeza
Messages
17 Ntwarante 2015, 00:35, par THERENCE
ico ndayivugako nuko bose bobana ari ukwumvikana ivyo bakora bagafashanya kuko urugo ari babiri nyimba umugabo yashavuje umugore bakamusaba ikigongwe umugore uko nyene kandi nyimba hari ikitagenda neza bakacumvikandako umugabo ntace afata ingingo adahanuje umugore hama baheze bagitorere inyishu bari hamwe
12 Rusama 2015, 15:12, par Bimenyimana vincent
Kurengibigo kumugabo biva kumugore adafata neza umugabo wiwe kandi nanyamugore ubwiwe akifata nabi
4 Nyakanga 2015, 06:56, par Donatien
Ntaco nokongerako kuvyo bavuze. nanje ndipfuza umu damu afita ivyo vyose bavuze kuko bitanga ivyishimo mu rugo!
6 Nyakanga 2015, 21:20, par Professeur
Biva ku mugore kuko yifashe nez ntacotuma umugabo aja kurenga ibigo.ark haraho BIVA NO KU BAGABO SINOBESHA§
31 Gitugutu 2015, 22:39, par aline ndikubwayo.
mwavuz imvo 2 zitma abgabo barenga ibigo,arik imvo ya 2 sinayitahuye,ngo harigihe biva kubagabo ubwabo.mwashatse kuvuga ik?kubijany nikiganiro,mugihe umugabo yoba atigera aguha uwo mwanya wukuganira wokoraiki?
6 Kigarama 2015, 20:55, par Azalies
ndashimye kwivyo bitekerezo bos bitwayuk vyaba vyiza abagab boheb gusambana
14 Ruhuhuma 2016, 19:16, par mpawenimana patrice
ntabagabo kirazira kurenga ibigo
18 Ndamukiza 2016, 15:14, par Pacifique MANIRAKIZA
Kurenga Ibigo Kumugore Kenshinakenshi Biva Kumugabomugi Atamuha Ibintubimunezera.Ktmugabo Naho Bivakumugore Abakundakumugora Mubintubjanyenimibano.
4 Rusama 2016, 23:26, par Majambere
Nibaza Ko Naho Ivyo Vyose Abagore Bobikwirikiza,kurenga Ibigo Kubagabo Vyohava Bitaborohera Guheba
4 Rusama 2016, 23:28, par Majambere
Nibaza Ko Naho Ivyo Vyose Abagore Bobikwirikiza,kurenga Ibigo Kubagabo Vyohava Bitaborohera Guheba
15 Rusama 2016, 20:12, par 69942332
naje ndubatse ariko kurenga ibigo biragora kwihanganira kuko igisundi kiratirimutsa none twokora iki kugira tuve mw’iyo ngeso?
15 Rusama 2016, 20:14, par Etienne Yamuremye
naje ndubatse ariko kurenga ibigo biragora kwihanganira kuko igisundi kiratirimutsa none twokora iki kugira tuve mw’iyo ngeso?
22 Rusama 2016, 00:55, par NIYUNGEKO FULGENCE
NIMIRIJE KURUSHIGA IMANA IZIMFASHE SINZORENGE IBIGO
30 Rusama 2016, 19:47, par Maggy
Ivyo Nivyo Vrmt Murakoz Kunygsha
16 Ruheshi 2016, 19:50, par Alain AHINKUYE
Hariho,abagabobabona,umugoreyazanye,atanguyekubanabibaboninkuminziza,amero Akabicankabobabamezukobohindukajewesindubaka
12 Mukakaro 2016, 19:34, par Manirakiza J.claude
Non umugabo yokoreriki umugore?
11 Myandagaro 2016, 20:01, par Melanie
kurenga ibigo kubagabo ntibizohera kiretse uwo Imana yonyene yitoranirije . guko akirondera umwigeme aritonda akamugenzuta muri vyose. ayo mahinyu sinumva uko yoboneka munyuma akipfuza abandi ho gutunganya uwiwe .
umugore yama aratozwa indero,,,
21 Nyakanga 2016, 21:15, par arlette nahayo
nukur ivy kureng ibigo abagab barabigiz ihiganwa nukr mwabakobwamwe nimwaronk umugabo atareng ibig uze umwubah kwl
16 Gitugutu 2016, 14:03, par Janvier
Izomapanuro Turazishmwe
19 Gitugutu 2016, 20:35, par EMMANUEL
ntaco ndabivuzeko kuko sindarongora.
23 Gitugutu 2016, 12:04, par Lambert
Muratwigishij Pe
30 Gitugutu 2016, 22:49, par Janntt
69148905
15 Munyonyo 2016, 18:12, par Niyibitanga Vedaste
Jenakunze Umugo Ariko Nimaraye Ubu nabandi Bakobwa Barambenga Kura Ivyuwo Mugore Yankoreye
15 Munyonyo 2016, 18:17, par Vedaste
Najewe Iyompanuro Ndayigenderako
12 Nzero 2017, 22:48, par Tugizimana Jean-marie
Jewendashimyecane
izompanuro.Kondavyumvise,sinzorenga urugo!
12 Ntwarante 2017, 21:08, par ejide
jew.fise umugor kandi ndamukunda ariko ntikibuza yuko anca inyuma none mubona nobigenza gt!
16 Rusama 2017, 19:29, par Nizigiyimana
Ndashimye Cane Kwivyo Mutubwiye
17 Rusama 2017, 11:30, par Sabimbona Sylvane
Ivy Bintu Nivy Ark Abgore Besh Ntavy Bakora
20 Ruheshi 2017, 18:05
NIBARUTA DIOMEDE