Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icuka kibi kuri kaminuza yitiriwe Umuco - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Icuka kibi kuri kaminuza yitiriwe Umuco

Icuka kibi kuri kaminuza yitiriwe Umuco

jeudi 27 Munyonyo 2014

Abanyeshure bo kuri kaminuza yitiriwe Umuco bafashe ingingo yo kuguma mu mihana iwabo gushika ubuyobozi bw’ iyo kaminuza butoreye inyishu ikibazo c’ababanyeshure bo mu gisata c’ubuhinga mu vy’inyubako’’ Genie civile’’.

Mu gihe icuka kibi kikibandanya, hagati y’ubuyobozi bwa kaminuza n’abanyeshure bo mu gisata ca Génie civile, ibintu vyunyutse kuko guhera kuwa 24 Munyonyo uno mwaka ata bikorwa vy’abanyeshure birangwa kuri iyo kaminuza , kuva aho abanyeshure bo mu gisata Génie civile batanguriye kuza barirukana bagenzi babo bo mu bindi bisata. Ndetse n’abari gukora ikibazo ku munsi wa gatatu bakaba batagikoze kuko ata munyeshure numwe yigeze ahonyoza ikirenge kuri iryo shure, nk’uko tubimenyeshwa n’umwe mu baserukira abandi mu kigo co mu Kinindo.

Kubera akababaro bavuga ko bafise, inyuma y’inama yagizwe n’abaserukira abanyeshure ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 25 Munyonyo, bamenyesha ko bafunditse ko bazosubira ku mashure kuwa 3 Kigarama, aho naho bakazoba baje kwirabira aho ubwo buyobozi bwa kaminuza bugejeje mu kurenganura bagenzi babo. Abo banyeshure bakarangiza basaba bagenzi babo kuguma muhira gushika kuri iryo sango bahanye. Turacarondera ubuyobozi bw’iyo kaminuza kugira bugire ico bushikirije.

Tubibutse ko amezi abiri agomba arangire abo bana bari mw’ ibarabara inyuma yaho ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza bufatiye ingingo yo gufuta ico gisata kuwa 9 GItugutu, kuko ubuyobozi bwa kaminuza Lumière butacandikishije.


Floxella karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.