Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Icuka si ciza hagati y’abahinyanyuzi Black Arthur na Jonny B
Icuka si ciza hagati y’abahinyanyuzi Black Arthur na Jonny B
mardi 23 Nyakanga 2014
Umuhinyanyuzi Johnny B aridogera cane umuhinyunyuzi Black Arthur ku masanamu abiri yasohoye kw’izina ryiwe (Black Arthur) kandi atariwe yazikoze.
- Umuhinyanyuzi Bigirimana Johnny
Johnny Bigirimana yemeza ko ari we yakoze amasanamu y’indirimbo zibiri, isanamu imwe y’ururirimbo rwa Ellyz na Ashley rwitwa "Me love u" hamwe n’iyindi y’ururirimbo rwa Patient Matabaro na R Flow rwitwa "Changu ni changu". Nk’uko Johnny abitubwira, Black Arthur yumvikana na bene indirimbo ibijanye n’amahera ibisigaye bigakorwa na Johnny. Uwo wanyuma yaciye asaba Black ko bogabura amahera hanyuma n’izina ryiwe rigashirwa mw’isanamu "Video". Johnny abandanya avuga ko ivyo bumvikanye Black Arthur atabishize mu ngiro. Amubajije igituma, Black Arthur yamwishuye ko bene ururirimbo boca babona ko atariwe yakoze iyo sanamu.
Icavyuye ukwo kutumvikana nyezina ni isanamu y’ururirimbo "Changu ni Changu" ya Matabaro na R Flow. Black Arthur ntiyahashe, yasubiye kwitura Johnny ngo amukorere isanamu y’urwo ruririmbo, Johnny ati : " Ubu umparurira amahera, ibijanye n’izina ndabiheba". Nk’uko Johnny ubwiwe abivuga, Black Arthur amaze kuyashira mu minwe, ntiyahaye Johnny n’ifaranga rimwe.
Uwo muhinyanyuzi ababazwa n’uko ariko ateza imbere Black Arthur, izina ryiwe rikamenyekana nk’umuhinyanyuzi karuhariwe kandi atari we akora. Ikindi n’uko n’amahera yakoreye atayamuhaye yose akaba kandi atitaba niyo amuhamagaye kuri ngendanwa yiwe. Johnny yafashe ingingo ko atazosubira gukorana na Black Arthur.
Twarondeye Black Arthur agire ico abivuzeko, ariko inomero baduhaye batubwira ko ngendanwa yiwe izimije, ariko tuguma tumurondera kugira ntirube ururimi rw’umwe rukamwe imfyufyu.
Umuhinyanyuzi Johnny azwi mu masanamu menshi y’indirimbo za Spok’s, za Snowcay wo mu murwi Overdo, za Dj Prince n’abandi.
Cherif Nkeshimana
Messages
24 Nyakanga 2014, 09:40, par CLAY
Black Arthur ni yemange ko atavyo ashoboye,ahubwo ko ari umuboss gusa.
Ni areke rero gutera umutima mubi uwo muhinga wiwe.
Abantu benshi bama bashaka kwitwa ico batari. bakigira ivyuma kandi ari ibishakashaka.
27 Nyakanga 2014, 14:40, par Edou
Mbaze ikibazo ,mbega ko John B aguma atangaza ko Black Arthur yiyitirira ama videos John b yakoze ivyo navyo nibiki?? Ntawombwira ivyarivyoo? John B ama video amaze gukora meza wenyene asumba aya Black Arthur ntawonyanyereka svp??? Izi Clip «Agacerere » ya Sat B https://www.youtube.com/watch?v=n5Aq7a77f6c hamwe niyi« BIZOZA by BAJU and ELL’s BOY» https://www.youtube.com/watch?v=-ObSaiGyA0E Black arthur ahejej gusohora ,ko mbona zikozwe kugwego go hejuru none John B yasubiriye gufasha Black Artur ? Nukuri uwoba azi ivyarivyo ampe umuco murakoze