Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icuka si ciza hagati ya Ma Soridiars na Big Bass - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Icuka si ciza hagati ya Ma Soridiars na Big Bass

Icuka si ciza hagati ya Ma Soridiars na Big Bass

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Umurwi Ma soridiars n’umuhinyanyuzi Big Bass wa Menya Media Studio ntibumvikana na gato muri kino gihe bivanye n’indirimbo yari yaratanguye kubahinyanyurira mu nyuma ahagarika guheraheza iyo ndirimbo kandi baramurishe amahera yose bumvikanye.

Abo basore babiri Adelin na francois bakaba bagize umurwi Ma Solidiars baririmba umudiho wa Hip Hop.

Nk’uko bavyivugira , ngo mu minsi iheze bumvikanye n’umuhinyanyuzi Big Bass ko agiye kubahinyanyurira ururirimbo bari gukorana na Big Fizzo n’umurwi indimu. Icagiye kubatangaza ngo ni uko bagiye babona Big Bass atangura kubicira amasango bumvikanye kandi baramaze kumuriha amahera yose.

JPEG - 34.6 ko

Ico yabakoreye ngo ni umuziki nawo utuzuye kugira babone ingene batangura gutegurana n’abo bazoririmbana. Inyuma y’aho bamubaza igihe bazoza kubandanya , isango abahaye rigeze akabaha irindi kugeza naho bamubwiye ngo abasubize amahera yabo akuyeko ayahuye n’ivyo amaze kubakorera aravyanka.

Ubu noneho ngo Big Bass baramuhamagara , telephone ntayitabe. Ivyo bikaba arivyo vyateye icuka kibi hagati y’uwo murwi ndetse n’uwo muhinyanyuzi.
Ku ruhande rwiwe, umuhinyanyuzi Bigg Bass ntaco yashimye kubivugako.


Joel Sengurebe

Messages

  • kw’itariki 1/03/2013 hazoba ouverture ya OK NIGHT CLUB iri ahahora PEACE CLUB canke TEA MARIA hazoba hariho abaririmvyi nka BLACK G n’umugwi INDIMU
    na KARAOKE n’aba BALACK SNACK hamwe na MICHEL JACKSON DU Bdi kubuhinga bwivyuma muzobakumwe na DJ.CLOU .kumisi yose ya VENDREDI NA SAMEDI KAZE KURI OK NIGHT CLUB

  • sha jo nukuri urumugabo uze ushike no kwa koo-k ndetse na amri nabo nivyo bikorera bicira amasango twe aba under- ground

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.