Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ifoto itangaje y’umwana yavutse agitekeye neza mu gasaho k’amazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ifoto itangaje y’umwana yavutse agitekeye neza mu gasaho k’amazi

Ifoto itangaje y’umwana yavutse agitekeye neza mu gasaho k’amazi

samedi 2 Ntwarante 2013

Ifoto itangaje y’umwana yavutse ashika hanze agitekeye neza mu gasaho k’amazi, iriko igaragara ku mihora itarimike y’ingurukana bumenyi.

Iyo foto yasohowe ku murongo wa facebook isohowe n’umuntu yitwa Marie Jeanne, avuga ko yari yabona igihe uyo mwana yavuka. Iyo foto ikaba imaze gusangirwa n’abantu bagera ku bihumbi 17 ku muhora wa facebook.

JPEG - 29.1 ko

Nyene kuyitangaza agira ati: «Raba ifoto nziza, y’imboneka rimwe aho umwana avukari mu gasaho k’amazi ntikameneke.Ivyo bidufasha kubona neza aho umwana akurira gushika avuke.»

Iyo sanamu, umenga ntibaho ,ariko ngo birakunda gushika nk’uko ikinyamakuru RTBF, iyo foto itangaje ikaba Atari iyambere yerekana ivyo abantu batari bamenyereye ku bijanye n’ingene abana bavuka kuko hari iyindi yasohotse ku muhora ngurukana bumenyi muri Nzero uyu mwaka nyene yerekana umwana afashe urutoki rw’umuganga akiri munda kwa nyina.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.