Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ifoto ya Beyonce yihamvye mu musenyi irateye ibibazo
Ifoto ya Beyonce yihamvye mu musenyi irateye ibibazo
mardi 13 Nzero 2015
Umuririmvyikazi Beyonce yashize ku rubuga rwiwe rwa instagram ifoto yiwe ituma abantu bibaza ko yoba afise inda yo gukurikiza Blue Ivy afise imyaka itatu.
- Beyonce yihamvye mu musenyi aboneka ko yoba afise inda
Beyonce yarashize ahabona ifoto yiwe ku rubuga rwiwe rwa instagram, mu gihe ari mu buruhuko n’umuryango wiwe. Iyo foto ikaba yarateye ibibazo abantu benshi, yerekana Beyonce aryamye mu musenyi bawumurunzeko ku mubiri wiwe, mugabo mu nda bari bamushizeko umusenyi mwinshi ku buryo bimera nk’umugore afise inda. Ivyo rero bikaba vyatumye abantu bibaza ko Beyonce afise inda, kandi ko iyo foto ari uburyo bwo kumenyesha abantu ko ari mu gukurikiza Blue Ivy, imfura yiwe. Si ivyo gusa, Beyonce amaze iminsi aboneka yambaye impuzu zimurekuye, mu gihe yari asanzwe akunda kwambara impuzu zimwegereye, ivyo navyo bikaba bimenyerewe ku bagore bafise inda.
Mweho muvyibaza ko iki?
Lorene Nubwabo
Messages
13 Nzero 2015, 20:04, par Nwari
@lorene nubwabo aho ubaye utegerezwa kuba urumunyamahoro ,ariko urumva ubaza abarindi icobiyumvira kuri beyonce milliard naho yovyara 20icarimwe atagorane ?nabarundi ubwacu ubona tutazi kobuca utatweza kabisa
14 Nzero 2015, 11:15, par mbimbi
Mbega basha none gutwara inda kwa Beyonce isi yose ica isiduka!! Basha jeho nabonye Titre nkagira ngo yoba yagize izindi ngorane!! Yatwara inda yareka ivyo ni vyiwe
3 Ntwarante 2016, 13:44, par PROSPER NDAYIRAGIJE
NONE BEYONCE IVYO YABIGIZE AGMBA IKI?NONE YOBAYIPFUZAGUKURIKIZA IMFURAYIWE BLUE IVY?
20 Ntwarante 2016, 08:18, par Jean.Mary Niyogushima
Biyonse Yarumukobwa Mwiza Nuko Aramabi Gusazaramurwako Nivyagovyinshivyinshi
24 Ndamukiza 2016, 22:25, par bukuru prudence
emwe nidanje none bionce aracavyara?emwe nanje birantangaje gusa bibaho mugabo nukumusengera.
8 Rusama 2016, 20:51, par Habiyakare
Imana Ifashe Nabandi Biyumvira Nkuwo
25 Gitugutu 2016, 15:16, par nzeyimana zephilin
non beyonce yoba yashats gshika kuk kugirang yihamb murury museny?cank famille ye imaz kuvymv yavyfashemwo gt?mb beync we namba bwar bwamutumany!Yumvs k afs inda nic catumy agir ibnt nkivy? sha je ndashavuye kubn yarubahts agakor ikib kibsh nkc yarikuvyar nkaband cnk nkuk naw bamuvyay .
5 Munyonyo 2016, 21:35, par twizeyimana egide
twizeyimana egide
28 Munyonyo 2016, 13:46, par gerard
none beyonse nta mugabo afise?
14 Ntwarante 2017, 00:27, par B-center wasatu
ntakundi ngirafisinda non konavutsendamwumva aracavyara??Ha!
28 Rusama 2017, 11:56, par Habimanajorodani
Egondaboniwanonevyobirabahoo
6 Ruheshi 2017, 07:34, par viateur
abo ni abanyacuzimu ba nubihoza bire ivyo bashaca