Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igenekerezo rya 31 Rusama, umusi wo kurwanya itabi : Abantu benshi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Igenekerezo rya 31 Rusama, umusi wo kurwanya itabi : Abantu benshi (...)

Igenekerezo rya 31 Rusama, umusi wo kurwanya itabi : Abantu benshi rirabica

mardi 31 Rusama 2016, par egide

Itabi ni kimwe mu bibangamiye amagara y’abantu kw’isi. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) riharura ko mu mwaka w’2020, itabi rizoba ari igituma nyamukuru gituma abantu bapfa cane. Kw’isi yose, ku mwaka itabi rihitana abantu bagera ku miriyoni 10.

Na hano mu Burundi, uwo munsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi wahimbajwe. Aho mukamenya ko uwo munsi ushitse hari abakitswe n’amagara kubera itabi. Ikinyamakuru IGIHE caganiriye na bamwe basanzwe barinywa mu gisagara ca Bujumbura.

Kuribo, kunywa itabi nta nabi babibonamwo atari uko rifise ingaruka zitari nziza.

Abarinywa baba bafise intumbero zitandukanye. Kubo twabajije, bavuze ko hari abanywa itabi kubw’abagenzi babo, kugira bumve ko bari mu bandi, harabarinywa kugira berekane ko bageze mu bigero, n’abandi ari kugira bagabanye ivyiyumviro biba bibabakiye, canke kugira babe barurangiranwa.

Kubanywa itabi bari mu kazi nabo, nabo nyene bagize ico babivugako.

Ku bwabo rero, barinwa kugira biruhurire kuko baba biriwe barakora imirimo iruhisha mu mutwe, kugira ntibave umwuna mu mazuru kubwugukora umwanya muremure canke nyuma yo kuruha. Iyindi mvo ituma banywa itabi bari ku mirimo, n’uko usanga vyaramaze kubaheramwo bikabagora kuriheba n’ubwo baba bariko barakora.

Ariko rero, n’ubwo bagiye baratanga imvo zitandukanye zerekana ko ata nabi iri mu kunywa itabi, barabonye ko iyo banyoye itabi amagara yabo ahinduka. Nko kubabara mu gikiriza, kubura impwemu, harabo usanga iminwa n’inzara vyarirabuye kubera kunywa ryinshi.

Kunywa itabi bifise ingaruka mbi zitari nke n’ubwo hari abishigikira ko ribagirira akamaro. No mu bushakashatsi bwama bukorwa ku bijanye n’amagara y’abantu, biragaragara ko itabi ridahagaritswe rizoca imbere kw’isi indwara ya Sida, indwara y’igituntu, impanuka z’imiduga, ukwiyahura, eka n’izindi. Ari naco gituma ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu rihamagarira abantu bose kwitaho amagara yabo mu kwikingira amabi yoza abagana.

Uwu munsi w’igenekerezo rya 31 Rusama ntiwahariwe gusa abanywa itabi, ariko ni kuri bose kugira bamenye amabi aterwa n’itabi.

Amabi y’itabi ku magara y’abantu

Itabi n’aho abantu benshi barikunda rirafise ingaruka mbi zidasanzwe ku barinywa no kubegereye uwuba ariko aranywa iryo tabi. Ivyo bikaba vyemezwa n’abaganga.

Ingaruka mbi ya mbere nuko umuntu amaze igihe kirekire anywa itabi bimugora cane kuriheba kuko aca yumva ko hari ikintu kinini abuze mu mubiri wiwe, kandi ivyigwa vyakozwe n’abahinga vyerekana ko itabi ritera andwara nyinshi cane izikomeye murizo akaba ari cancer yo mu mahaha, indwara z’umutima n’izifatira mu mitsi.

Nico gituma bikwiye ko hofatwa ingingo zoshobora gufasha abantu kugabanya kunywa itabi abo bikundiye nabo bakariheba. Wihweje no ku matabi baravyandikako ko ryica, « fumer tue ». Itabi rero abarinywa benshi n’urwaruka ruri hagati y’imyaka 12 na 20 naho n’abakuze barenza iyo myaka nabo nyene barinywa, iyvigwa vyakozwe vyerekana ko urwaruka arirwo rugeramiwe kuruta abandi.

Hamwe hamwe baragiye barafata ingingo zo gukingira abantu nko kubuza kunywera itabi ahantu hahurira abantu benshi, ari mu miduga yunguruza abantu, mu biro bitandukanye, ariko ivyo ntibikwiye kuko abantu babandanya gupfa kubera itabi.

Ariko biracagoye ko abantu baheba kunywa itabi kuko amashirahamwe ahingura itabi usanga ara mu bihugu bikomeye kw’isi kandi, akaba ateza imbere n’ubutunzi bw’ivyo bihugu nk’ayandi mashirahamwe y’ubudandaji.

Mu kurindira icokorwa, uwubishoboye yo kwirinda kunywa itabi kandi akirinda no kuguma aho bariko bararinywa kuko naho aba atarinyoye umwotsi waryo ushobora kumushikira.

Mbega vyokunda ko umuntu aheba kunywa itabi ?

Itabi ni kimwe mu bibangamiye ubuzima bw’umuntu. Biramaze kugaragara ko ryiha inkumbi ku mwaka ku mwaka. Abakiri bato bakaba aribo bageramiwe kurusha abandi.

Kunywa itabi bifise ingaruka nyinshi ku magara y’abantu. Bivugwa cane kandi ko niyo umuntu arinywereye hagati y’abandi batariko bararinywa, umwotsi utumuka muri iryo tabi urinjira mu mahaha y’abo bandi mu mpwemu baba bariko barinjiza.

Kunywa itabi bituma umuntu asaza kare. Izindi ngaruka zigaragaza inyuma yo kunywa itabi tuzibona mu mahaha aho usanga umutu aguma akorora, amaso ashobora kurwara ubuhumyi, gutakaza kwumva ubumote bw’ibintu biciye mu mazuru, kunuka mu kanwa, amenyo arahindura ibara akanarwara, ugira ububabare kenshi mw’izosi, ingorane z’imirindi y’amarayo, umubiri urasaza, ugahindura urukoba, ukazana n’iminkanyari myinshi.

N’ubwo hari abashigikira ko kunywa itabi bifise ingaruka nziza, nko kugabanya ibinure ku bashaka guta ibiro, canke guhagarika kuva umwuna mu mazuru, ubuhinga muvy’ubushakashatsi bw’amagara y’abantu buremeza ko kunywa itabi bitera ingwara nyinshi mu mubiri. Aho twovuga nk’ingwara z’umutima, no kugira ingorane zo guhumeka, ugasanga urugezo rwo guhumeka ruragabanuka, ijwi rigahinduka, eka mbere naza hasima zikaziramwo.

Bivugwa kandi ko ibice 30 kwi 100 vy’amakanseri biterwa no kunywa itabi (amahaha, amafyigo, umunwa, igitereko, umushishito,…). Ikindi naco gikomeye, kunywa itabi biragabanya kwumva ushaka kugira amabanga mpuzabitsina. Kubw’ubushakashatsi bwakozwe, ibice 81 kwi 100 vy’abagabo bafise ya ngorane yo kutumva ko uri umugabo ni abanywa itabi. N’imbuto ziragabanuka.

Kenshi usanga hari abipfuza guheba kunywa itabi, ariko ugasanga vyaramaze kubagira imbohe. Hari impanuro zitangwa zifasha kuri uwo wese ashaka kubungabunga amagara yiwe. Bene abo bantu baribaza ukungene vyogenda kugira bahagirike kunywa itabi. Ng’uku uko mwobigenza :

Nimwibange ku mpwemu zanyu. Nimwinjize impwemu umwanya muremure mukoresheje amazuru, harura kugeza kuri 5, hama muce musohora impwemu buke buke mucishije mu kanwa. Ivyo mubikore ku kiringo c’iminota ibiri.

Ni munwe ikirahuri kinini cuzuye amazi. Bihanuwe ko umuntu ategerezwa kunywa iritiro zibiri z’amazi kumunsi.

Nimugire umwimenyerezo kanaka kugira umubiri wigenge

Nimuhekenye ibazoka itagira isukari

Nimwiyugumure mu kanwa

Rondera umugenzi uterefona kugira wiyumvire ibindi

Birashoboka kandi ko umuntu ahagarika kunywa itabi atarinze gufashwa n’umuntu n’umwe canke akoresheje imiti. Muri ico gihe, urashobora kwegera muganga kugira umubaze uko vyogenda mu ntumbero yo guhagarika kunywa itabi. Na cane cane abakiri bato nibo bari bakwiye cane gukurikiza izo mpanuro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.