Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igenekerezo rya mbere Ndamukiza: Amamuko y’umusi bita "uwo kubesha" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Igenekerezo rya mbere Ndamukiza: Amamuko y’umusi bita "uwo kubesha"

Igenekerezo rya mbere Ndamukiza: Amamuko y’umusi bita "uwo kubesha"

lundi 1er Ndamukiza 2013

Amatohoza yakozwe yerekana ko gushika mu mwaka w’1564, umwaka mushasha watangura igenekerezo rya mbere Ndamukiza. Muri uwo mwaka nyene, niho umwami Charles w’icenda yafata ingingo yo guhindura ikirangamisi, kugira umwaka uzokwame utangura igenekerezo rya mbere Nzero.

Abantu bacira batangura guhimbaza umwaka mushasha guhera kuwa mbere Nzero 1565, muguhana utuganuke nk’uko bitegerezwa ku msi mukuru.

Ariko rero, abantu benshi baragize ikibazo co kumenyera uwo musi w’ico kirangamisi gishasha, aho mbere hari n’abandi batigeze bamenya ko umusi wahindutse! Abo batabimenye canke abatavyibuka bagumye bahimbaza umwaka mushasha kuwa mbere Ndamukiza.

Mu ntumbero yo kwinuba abo bagihimbaza umwaka mushasha ku genekerezo rya kera, hari abaca batanga utuganuke tutari two canke two gutwenza, inkuru z’ububeshi canke zigamije gutwenza haba kubazibwiranye canke abazumvise ku nsamirizi, ku mboneshakure, eka mbere no mu bimenyeshamakuru.

Kuva ubwo, uko umwaka utashe, abantu benshi, abakuze n’abato bafashe umugirwa wo gutera inkuru z’ububeshi canke zitwenza, umusi nawo bahimbaza bakawita “poisson d’Avril” vyosigurwa nka : “ifi yo muri Ndamukiza”

Abatari bake bokwibaza igituma bahisemwo kuvuga ifi.

Insiguro ya mbere, tuyikura mu gihugu c’Ubufaransa. Muri ico gihugu, mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza, uburovyi bwari bubujijwe kuko cari ikiringo c’irondoka ry’amafi. Abantu rero barabesha abarovyi ko babahaye ifi ariko babahaye igishushanyo cayo mu kubaha. Uwuyihawe yacu atangara mu kuvuga ati:"Poisson d’avril ! Ifi yo muri Ndamukiza! ".

Iyindi nsiguro, ariko ya vuba cane, ivuga ko ifi mu kwezi kwa Ndamukiza cari ikimenyetso c’ikarema, aho abantu baba barekuriwe gufungura ifi gusa. Mu ntango z’ikinjana ca mirongo ibiri, abantu benshi bararungikirana udukete ducafyeko udufi duto duto kugira bipfurizanye urukundo, ubugenzi n’umunezero.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.