Accueil > Ibidukikije > Bujumbura: Imvura yaguye yabomoye igice c’ikiraro’’Ntahangwa’’
Bujumbura: Imvura yaguye yabomoye igice c’ikiraro’’Ntahangwa’’
jeudi 27 Munyonyo 2014
Inzuzi zica hagati mu gisagara ca Bujumbura zirakwiye gukingingwa kuko iyo habaye umwuzurira zishobora konona ibintu bitari bike, ndetse no guhitana abantu.
Inyuma y’imvura nyinshi yaguye ku mugoroba wo kuri uwu wa kane 27 Munyonyo 2014, yononye ibitari bike mu gisagara ca Bujumbura, aho tukavuga ikiraro ’’Pont Ntahangwa’’ y’amajepfo, muri komine ya Ngagara. Igihe twaca ngaho, twashoboye kubona ko igice kimwe cahahora haca ibarabara imbere ko bubaka ikiraro cabomotse kigakorokera mu ruzi, hononekaye kandi imiringoti itwara amazi ya Regideso mu ma komine ya ngagara.
Urwo ruzi Ntahagwa bikaboneka ko rwataye inzira, aho ruguma rwiyagurira inzira kunkengera yarwo.
Alida SABITEKA
Messages
28 Munyonyo 2014, 00:23, par 1
amakomine ya ngagara ni angahe??? zamwandika neza
28 Munyonyo 2014, 00:58, par So
Umvarero ndababwire harakenewe akayabu kamafranga yogusubiramwo izonzirazose zitwaramazi, impamvumvuzegurrtyo nuko izonzira zitwara amazi zatunganijwe mugihe igisagara ca Bujumbura cari kigifise abakibamwo batashika ibihumbi majana 2 arikubu ndibaza ko abakibamwo bababa umuliyoni, buryarero ukwigisagara ciyongeramwo amazu nabakibamwo niko hakwiye nokwongerwa ahoguta umwavu nokwagura inzira zamazi avuyekumazu babamwo, ntimwiyibagizeko nayomabarabara yakijamwe aratuma amazi atembayiyongeracane buryarero amajambere azanana nibintu bibi. Ariko kuruhanderumwe ndanezerewe kontumvise umuntu vyahitanye.
28 Munyonyo 2014, 07:27, par ingabire
numva ko leta yogwiza amafranga ikoresha mugukingira inzuzi n’ibiyaga .
1er Kigarama 2014, 13:11, par venant kalisa
Kombona yahangije abayobozi buburindi mbese ntaministeri yo kurwanya ibiza ngo irengere abangirijwe ibyabo