IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igice ca kabiri c’umwaka w’amashure matomato n’ayisumbuye catanguye (...)

Igice ca kabiri c’umwaka w’amashure matomato n’ayisumbuye catanguye nabi

lundi 7 Nzero 2013

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Nzero 2013,igice ca kabiri c’umwaka w’ishuri catanguye mu mashuri y’intango n’ayisumbuye haba mu mashuri ya reta n’amwe mu mashuri y’abigenga. Ariko abanyeshure ntamanota babwiwe.

Nk’uko twabibonye igihe twashika ku mashuri amwe, twasanze abanyeshuri n’abigisha bari hanze ku buryo vyari bigoye kumenya ko abigisha bazokwigisha mu gihe no mu gice giheze batatanze amanota.

Ivyo vyari ukwo mu gihe nko kw’ishuri ry’intango ryo muri Quartier ya kabiri mu Ngagara abanyeshuri bariko bariga.No kw’ishuri ryisumbuve rya Dignite riri mu Ngagara naho nyene twasanze bariko bariga,naho nyene abigisha batatanze amanota mu gice giheze.

Kuri Lycee Municipal yo mu Buyenzi twasanze ivyirwa vyatanguye.

Naho biri uko, amasendika ane y’abigisha mu mashure matomato n’ayisumbuye CONAPES,STEB,SLEB na SYNAPP yarahiye bararengwa ko badashobora gutanga amanota y’igice ca mbere. Bahagaritse kuyatanga bashaka gusaba Reta ko yohagarika ingene kunganisha imishahara y’abakozi ba Reta biriko birakorwa. Basaba ko hobanza kuba ibiganiro na Reta kugira baterere ivyiyumviro.

N’abanyeshure bamenyesha ko bizogora gutangura kwiga igice ca kabiriri kandi batazi umwimbu bakoreye mu gice ca mbere kugira bagire inguvu. Ngo nabonyene bazoca bahagarika ivyigwa.

Twobameneshako iki gice ca kabiri gifise umwanya muto mbere abigisha bakaba bavuze ko bategerezwa gukora n’umwete mwinshi kugira igice kizohere ivyo bategekanya kwigisha vyaheze.

Nho


Joël Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.