Accueil > Inkino > FOOTBALL > Igice ca gatu c’ikurakurakuranamwo mu mirwi kigeze hari ibihugu vyamaze (...)
Igice ca gatu c’ikurakurakuranamwo mu mirwi kigeze hari ibihugu vyamaze gutekera imizigo
lundi 23 Ruheshi 2014
Muri Bresil inkino zikurakuranamwo zirabandanya, ibihugu biriko bihiganrwa igikombe c’isi yose uko ari 32, biratangura urukino rugira gatatu ku gihugu cose. Iki gice kije gusobanura imirwi izobandanya mu gice c’umunani c’amahiganwa, iyindi itekere isubire iwabo.
- Umunezero w’abakinyi ba Algerie batsinze Koreya Y’epfo
Inkino zaraye zibaye zahuje igihugu c’Ububirigi n’Uburusiya, hari igihe c’isaha cumi na zibiri (18h00), Igihugu Ububirigi bwatahukanye intsinzi y’igitsindo kimwe ku busa (1-0). Urundi rukino rwahuje Coreya y’Epfo na Algerie, aho ico canyuma catsinda ibitsindo 4 kuri 2 (4-2). Igihe cisaha zitandatu z’ijoro, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zanganije na Portugal ibitsindo 2-2.
Ibihugu vyose uko ari 32, biramaze gukina inkino 2, hasigaye urukino rumwe ku gihugu cose kugira hamenyekane iyizobandanya mu gice c’umunani c’amahiganwa. Naho biri uko, hari ibihugu vyamaze gusezera amahiganwa naho bisagaje urukino rumwe. Inkino zo muri iki gice ca nyuma c’amahiganwa hagati mu mirwi zizohera ku munsi wa kane. Gishasha ni uko mu kiringo kimwe hakina imirwi ine, hahora hakina ibihugu bibiri gusa, ubu naho hazokina ibihugu 8, mu biringo bibiri gusa.
Ku rutonde rw’uno munsi, hatana mu mitwe ibihugu vya Australie na Espagne igihe c’isaha cumi na zibiri(18h 00), muri uwo mwanya nyene, Pays bas itana mu mitwe na Chili. Isaha zine hakina Bresil na Cemeroun, hamwe na Croatie iza gukina na Mexique muri ico kiringo nyene.
Mwomenyako hari imirwi igeramiwe no gusezera amahiganwa, kuko usanga kuva ikina itaratsinda na rimwe, hari iyifise ubusa (0) iyindi nayo ntirenza inota rimwe. Aha tuvuga ibihugu nka Cameroun, Espagne, Grece, Japon, Angleterre, Honduras, Bosnie-Herzegovine, Portugal, Ghana, Koreya n’Uburusiya. Ivyo biri mu mirwi yose irimwo ibihugu 32, bimwe birashobora kuzobandanya ibindi navyo bitekere.
Amwe mu mashusho yabonetse inyuma y’urukino rwahuje Algeriya na Koreya y’epfo
Cherif Nkeshimana
Messages
25 Ruheshi 2014, 13:06, par NDUWIMANARICHARD
Ndababaye Cane Kuba Kotedivuware Yavuyemwo Ariyo Naha Amahigwe Yigikombe Cisi ! Nibihangane
28 Ruheshi 2014, 11:32, par theogene ndikumana
Ariko yararenganijwe fifa ikwiye kuzofata izindi ngingo mu mupira wamaguru kuko bamaze kubona ko yarenganye ntiyari gutaha
24 Kigarama 2016, 20:01, par Nigaba Martin
Twangoba Tubabanze Returu Ya Bariserna Na REAL Inzobakwitariki Nzigah