Accueil > Ubutunzi > Igiciro c’igitoro casubiye kugabanuka
Igiciro c’igitoro casubiye kugabanuka
mercredi 18 Ruhuhuma 2015, par
Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita bwasubiye gufata ingigo yo kugabanya igiciro c’igitoro.
Igiciro c’iritiro ya Essence cavuye ku mafaranga 2050 kija ku mafaranga 1880 y’amarundi, hakaba hagabanuwe amafaranga 170 kw’iritiro ya Essence. Igiciro c’iritiro ya Gasoil cavuye ku mafaranga 2050 kija ku mafaranga 1910 y’amarundi, hakaba hagabunuwe amafaranga angana na 140 y’amarundi, nayo igiciro ca peterori cavuye kumafaranga 1780 kija ku mafaranga 1620, hakaba hagabanuwe amafaranga 160 y’amarundi.
Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2015, bamenyesheje ko bwasubiyemwo ivyo biciro kuko kw’isoko mpuzamakungu igiciro c’igitoro cagabanutse.
Aho tukabibutsa ko hari haciye ukwezi kumwe gusa ubwo bushikiranganji bufashe ingingo yo kugabanya ibiciro vy’isukari n’igitoro.
Alida Sabiteka
Messages
19 Ruhuhuma 2015, 04:38, par Burundibwacu
Twebwe hoho hano muri reta zunz’ubumwe bw’America kimaze hafi a week kiduga burikumus’utashe.
19 Ruhuhuma 2015, 14:17, par muco
none igitoro kiguma kigabanuka kwisoko yabarundi gusa kombona mubindi bihugu hakokigabanuka kiraduga,banyagihu buburundi muraba maso dd iriho ikomeza wamugabi wabo wabacemwontimutangare muraya meze atatu asigaye kuri dd igitoro kizogera no ku 1200.
20 Ruhuhuma 2015, 14:50, par yaya
Ngira mu Burundi baratanguye kukivoma muriTanganyika!