Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiciro c’ikawa itonoye cashizwe ku mafaranga 1740 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Igiciro c’ikawa itonoye cashizwe ku mafaranga 1740

Igiciro c’ikawa itonoye cashizwe ku mafaranga 1740

lundi 7 Mukakaro 2014

Igiciro c’ikawa itonoye cashizwe ku mafaranga y’amarundi 1740. Muri CNAC basavye ko hoshirwaho ingingo ziyiherekeza kugira ntihabe abatari bake baja kuyigurisha mu buryo bwa magendu mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwasohoye iyo ngingo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Mukakaro 2014, iyo ngingo ikaba ari nayo yugurura igihe co kugurisha iyo kawa itonoye.

Abasanzwe baserukira abarimyi b’ikawa bashimye ico giciro c’amafaranga 1740 ku kiro n’ubwo iyo ngingo isa n’iyari yatevye gato.
Umukuru w’ikigo CNAC - MURIMA W’ISANGI, Yozefu Ntibarampa yasavye Reta y’Uburundi gushiraho ingingo zoyiherekeza kugira bagabanye iyijanwa mu Rwanda muri magendu, kuko muri ico gihugu ikiro c’ikawa itonoye kigurwa amafranga 2600 vy’amafranga y’amarundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.