Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maroc yasubiye kwanka kwakira CAN 2015, ibihano kuri ico gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Maroc yasubiye kwanka kwakira CAN 2015, ibihano kuri ico gihugu

Maroc yasubiye kwanka kwakira CAN 2015, ibihano kuri ico gihugu

lundi 10 Munyonyo 2014

Igihugu ca Maroc casubiriye kwandika ko kidashobora kwakira inkino z’ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu vyo muri Afrika (CAN 2015). Imvo nyamukuru : kwanka ko ico gihugu coterwa na Ebola. Ikibazo ca CAN 2015 kibaye akayobera bahinga.

Vyari bitegekanijwe ko igihugu ca Maroc cakira amahiganwa ya CAN 2015, ariko ico gihugu kimaze kwandika amakete menshi ciyamiriza kwakira izo nkino. Ivyo bitumwa n’ubwoba bw’ikiza c’indwara ya Ebola. Mw’ikete ico gihugu candikiye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (CAF), basaba ko inkino za CAN zokwungururizwa mu mwaka w’2016 kugira bashobore kuzitunganya.

Mbega CAF igiye kuvyifatamwo gute?

Aho bukera kw’igenekerezo rya 11 Munyonyo, hategekanijwe inama y’abarongozi ba CAF (Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika). Bimwe mu bizokwigwa ni ibi bikurikira :

1) Kwemera ivyo Maroc isaba, ariko vyoboneka ko ari ubushobozi buke bwa CAF

2) Gusivya burundu inkino za CAN 2015

3) Kurondera ikindi gihugu coshobora kwakira izo nkino. Amahigwe ni make yo kuronka igihugu coshobora gutegura inzo nkino mu mezi abiri asigaye. Afrika y’Epfo yaziteguye mu mwaka w’2013 yaramaze kumenyesha ko atavyo yoshobora.

4) Ikindi gishoboka n’uko CAN yokwungururizwa mu kwezi kwa Ruheshi canke muri Nzero na Ruhuhuma umwaka w’2016. Iyo nzira nayo ishobora gusivya inkino za CHAN 2016 zobereye mu gihugu c’Urwanda muri uwo mwaka.

Igihano ku gihugu ca Maroc

Hamwe Maroc yotangaza burundu ko yanse kwakira izo nkino, amahiganwa y’umupira w’amaguru muri Maroc azoca ahagarikwa imyaka itari mike. Ico gihugu kizotanga ihadabu ringana n’amadorari ibihumbi 50 (50.000$).

Mbega insiguro za Maroc mu kwanka kwakira inkino za CAN 2015 zirafashe?

Insiguro za Maroc zisa n’izidafashe kuko mu bihugu bitatu bivugwamwo cane ikiza Ebola, hokwitavye igihugu ca Guinee gusa. Ikindi n’uko igice kinini c’abakinira imirwi nserukira bihugu bakina mu mirwi y’i Buraya canke ahandi kw’isi. Nk’uko inkino za CAN zititabwa n’ingenzi nyishi, ntivyumvikana rero igituma Maroc ishaka kwanka kwakira izo nkino.

Gushika ubu ntawuramenya aho inkino za CAN umwaka w’2015 canke 2017 zizobera narirya zotanguye kw’igenekerezo rya 17 Nzero gushika ku rya 8 Ruhuhuma 2015.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.