Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu ca mbere kw’isi kiryoshe kubamwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Igihugu ca mbere kw’isi kiryoshe kubamwo

Igihugu ca mbere kw’isi kiryoshe kubamwo

lundi 24 Munyonyo 2014

Amatohoza mpuzamakungu yakozwe barondera igihugu ca mbere kiryoshe kubamwo canke igihugu c’umunezero, yerekanye icegeranyo ku matohoza yakozwe bafatiye ku bihugu 150 vyo kw’isi mu mwaka w’i 2104.

Urutonde rwakozwe rwitirwa igihugu c’umunezero "Planete du Bonheur" rwakozwe n’ishirahamwe "Happy Planet Index (HPI)". Ico cegeranyo kivuga ko ubutunzi ataribwo bwerekana ko igihugu kiryoshe kubamwo canke gitanga umunezero, ahubwo hari ibindi : nko kwishira no kwizana mu ntwaro rusangi, igihugu kizira agahahazo, igihugu kizira igiturire, n’ibindi. Begeranije, basanze igihugu ca mbere kiryoshe kubamwo, gikwije ivyo bafatirako kugira citwe ko ari "Planete du Bonheur" ari igihugu co muri Amerika yo hagati, Costa Rica.

Muri Costa Rica abantu baho babayeho neza bidegemvya, ata wandya wangura, abanyagihugu bishira bakizana mu ntwaro rusangi. Ikinyamakuru Daily Mail kivuga ko ico gihugu ari ico kwisanzuramwo.

Ibihugu vya Colombie na Vietnam biza ubwa nyuma. Ku mugabane wa Buraya, Norvege itorwa nk’igihugu ca mbere kiruhura. Kiza imbere y’Ubwongereza, Ubudagi n’ubufaransa. Bimwe mu bihugu vyavuzwe nta na kimwe co ku mugabane wa Afika kirimwo.

Mwomenya ko igihugu ca Costa Rica gifise uburinganire bungana 51 100 ( 51.100 km²), kibamwo abantu bangana imiriyoni 4,872, hari mu mwaka w’2013. Ugereranije, Uburundi bufise uburinganire bungana 27 830 km², n’abanyagihugu bangana imiriyoni 10,16 mu matohoza yagizwe n’ibanki y’isi mu mwaka 2013.

Amwe mu mafoto aranga ubwiza bw’igihugu ca Costa Rica


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Aho iyi nkuru mwarayitohoje neza? Ngo abantu 4,872 nibo baba mu gihugu gisumba kabiri mu bunini Uburundi? Inkuru iyo idatohojwe canke ngo ishikirizwe neza icika uburozi.

  • Niheza Pe Mais Aheza Ni Mwijuru Niho Haramahoro Nta Ntambara Abaho Baguwe Neza Ndabipfuriza Kuzobayo

  • SINUMVA IGITUMA MUGERERANYA COSTA RICA N’UBURUNDI.ERGA IGITUMA MU BURUNDI BIMEZ UKU BITUMWA NUBWINSH BW’ABANTU KAND IBINTU ARI BIKE.NTABABESHA ATAGIHINDUTSE UMUNTU AGIY KURYA UWUNDI NK’INTARE.

  • Haaaaah haaaa haaaa, mbega ikinyoma! Iyo nkuru ivuga ko habayo abantu 4,872 mwayikuye he? Asha nkuko Jean ntiyabeshe ico kinyoma kingana n’uburozi

  • Haba heza gute n’izi Nyakatsi mbona nk’izo mu Kirindo !

  • Nibaza ko umwanditsi yoba yihenze kuri population ya Costa rica, kuko the current population of this country is approximately 4.882.452, abagabo (males) 50,8% ; abagore (females) 49,2%.
    Murakoze.

  • We Jean, ba usoma neza. bavuze imiriyone 4,872 ntabwo bavuze ibihumbi bine.

  • muratubarize ingene inkwano yifashe nzoje kwikurirayo umugeni mbona inkumi ari nyinshi sinzi ko bashobora kuzikwira abagabo. Emwe ga yeeeeeeeeeeeeeeeeehhhhhhhhhhhhhhhh

  • NIHEZA= UBWIZA N´UBURYOHE BURYA BIVANA NUMUNTU: MUZOBAZE ILE YO MURI ESPANGE BITA"...IBIZA.....nako yubusambanyi"hari na bus ziva mu buraya byose zitora abajayo(na bus basambaniramwo, uyo uyigiyemwo uba wiyemeje , nta ndanse ibamwo),ARIKO ABAZUNGU NIHO BENSHI BAFATIRA IBIRUHUKO. ubwo niho heza ku buraya. narumvise ko Costa rica ari nziza ariko....muri amerika yo yepfo ngira hari iindi bihugu BIDAKORONIJWE NA AMERIKA kandi vyamahoro,vyiza biriyo. aho baja kurya saa 12:00hrs bagasubirayo saa 15:00hrs bavyutse, ku mugoroba bafungura kuba 19:00hrs-gushika 21:00hrs. nta greve nta ati politike kuko politike ikora bake biyemeje kuyigira umwuga. Si ba bandi bavuga amatora kuva bahejeje gutora gushika umunsi wamatora yandi.

  • numv ar hez dufatiy kurivy bafatixek uburund n ubwamber mur afirika

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.