Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu ca mbere kw’isi kitoroshe kurereramwo umwana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igihugu ca mbere kw’isi kitoroshe kurereramwo umwana

Igihugu ca mbere kw’isi kitoroshe kurereramwo umwana

vendredi 28 Ntwarante 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu "Save the Children" rikingira agateka k’abana, mu cirwa ryakoze, barerekanye ibiguhu vyiza na bibi bitoroshe ku muvyeyi kurereramwo umwana. Igihugu catoye kitoroshe ku muvyeyi, akaba ari igihugu co ku mugabane wa Afrika.
Ico cirwa ku bijanye n’ibihugu bitoroshe ku bavyeyi mu kurera abana kikaba cakozwe mu gihe iryo shirahamwe ryariko rirerekana icegeranyo caryo ca 14 ku bijanye n’imibereho y’abakenyezi kw’isi.

Nk’uko vyerekanwa mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kiza imbere kw’isi ku rutonde rw’ibihugu bitoroshe ku muvyeyi kurereramwo umwana. Ico akaba ari igihugu cari gisanzwe kitanoroshe muri rusangi ku mibereho y’umukenyezi.
Ibiharuro vy’abana baguma bapfa, abana bataja mu mashure, kwugarizwa n’ubukene hamwe n’ikabanza c’abakenyezi mu kibano, tutibagiye amabi abakorerwa aho mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bikaba biri muvyerekana ukungene umukenyezi atorohewe mu mibereho yiwe ya minsi yose.

Mu rundi ruhande narwo, ibihugu vya mbere vyiza vyorohereza abakenyezi mu kurera abana, vyatowe ku mugabane wa buraya y’amaja ruguru, aho igihugu ca Finlande na Suède biza imbere.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikavuga ko hakiri intambwe nini mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kugira agateka k’umukenyezi kagarukirwe, baheze baroranirwe mu kurera abana babo neza.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.