IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika caneguye ivyakozwe n’igiporisi (...)

Igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika caneguye ivyakozwe n’igiporisi c’Uburundi

jeudi 13 Ntwarante 2014

Igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika kimenyesha ko kirajwe n’ibiriko bibera mu Burundi, aho uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, hamwe n’ugukorera ku mugaragaro kw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi kuriko kurahohoterwa. Ico gihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika kiranegura inyifato y’igiporisi cakoresheje inguvu zirengeye, ku bakenyezi ba UPRONA bari mu myiyerekano, hamwe n’urwaruka rwa MSD rwari mu ngoro y’umugambwe wabo mu Kinindo, ku munsi wa gatandatu.

Mw’itangazo igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika casohoye, bamenyesheje ko inyifato y’igiporisi c’Uburundi cakoresheje inguvu nyinshi ku bakenyezi bakukira UFB (Union des Femmes Burundaises) bo mu mugambwe UPRONA itabereye, mu gihe abo bakenyezi bari mu myiyerekano mu mutekano ntangere. Nk’uko tubikura muri iryo tangazo, igiporisi nticari gukoresha inguvu zirengeye, mu gutera ivyuka bikoroza amosozi mu bakenyezi batariko barahungabanya umutekano. Iryo tangazo nyene riranegura kubona igiporisi cakoresheje amasasu ku ngoro y’umugambwe MSD, ariko balamenyesha ko n’urwaruka rwa MSD rutari rukwiye kugira imbohe abaporisi bambaye umwambaro w’akazi, bakongera bakabafatira inkoho. Kubw’iryo tangazo, inyifato y’izo mpande zompi ntiyubahirije umutekano.

Reta ya Washington ihamagarira abategetsi b’Uburundi ko bokwubahiriza agateka ka zina muntu, hamwe n’ibwirizwa shingiro. Ku migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe na Reta y’Uburundi, basabwe kuvavanura n’ugukoresha inguvu muvyo bakora vyose. Iryo tangazo rirangiza ryibutsa Reta y’Uburundi ko itegerezwa kwubahiriza intwaro rusangi, kugira amatora yo mu mwaka w’2015 azobe mu mutekano ntangere.

Mwomenya ko abarundi baba mu gihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika bateguye imyiyerekano ku genekerezo rya 29 Ntwarante 2014. Muri iyo myiyerekano izobashikana ku nyubakwa "Maison Blanche" ikoreramwo umukuru w’igihugu Barack OBAMA, bazoba bashaka gusaba ko igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika cogondoza Reta y’Uburundi kugira yubahirize ubwigenge bw’imigambwe, yongere ireke n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakorere ku mugaragaro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ahoho Jewe narinzi ngo bazurira indege baje kugira imyiyerekano ibujumbura niho bari kuba babishoboye nayahandi uracari umunwa gusa

  • Ahubwo reta y’igihugu ca reta Zunzu bumwe za America yaratevye kuko abanyagihugu bo muburundi warabanganiwe cane biwe n’ubutegetsi biriho ubu. Turayisavye twebwe abarundi America ishugurikire uburundi bureke kwica abanyagihugu

  • Iryo tangazo nyene riranegura kubona igiporisi cakoresheje amasasu ku ngoro y’umugambwe MSD, ariko balamenyesha ko n’urwaruka rwa MSD rutari rukwiye kugira imbohe abaporisi bambaye umwambaro w’akazi, bakongera bakabafatira inkoho. Kubw’iryo tangazo, inyifato y’izo mpande zompi ntiyubahirije umutekano.

    None iyo titre mubona ijanye nivyo mwanditse?na opposition ntiyera!!!!

  • Abo banyamerikabo nimbazwamarushwa barindiye inganda zitikire babone kuza guha abatutsi igihugu nkuko babigize mu Rwanda.Ntitukizere abo banyamerika,ni Very stupid.

  • None Nzobonariba ntiyo yishura buno nyene abanyamerika ko ivyo ari uguhuguza nkuko akunda kubivuga! Turarindiriye ivy’azoshikiriza kuri iryo tangazo

  • Murimaramza, ubwo murindiriye amahoro ava muri amerika, reka babazanemwo abagabo barongora abagabo, abo nibo bantu mutabaza. Mbe ibiba bitegwa na bande sibonyene. Ubu boshaka ko Centrafrique igira amahoro ubunyene ntivyoba, ariko kubera bafise inyungu ku maraso ariko ameneka barirabira bakihorera. Mwibagiye ko batwereka inyuma y’ikiganza aha hera bakahanyegeza. Amaraso yooose ava nibo babitera.

  • Vyari vyiza iyo mutubwira igitigiri c’abarundi baba muri amerika n’igitigiri c’abazoja mumyiyerekano kugira tumenye abatazoyitaba.Gutyo on peut tirer une conclusion statistique.

  • Abanyamerika nivyo mu BURUSIYA vyabataye kuwamazi ngo kwikuriza umugunguru ku BURUNDI? Ni babureke intwaro z’abazungu twarazihimvye. BURUNDI SIMBA IMANGA,TERIMBERE WAVUYE KURI!!!!! Iyo opposition nayo ivugwa imenye ko amategeko ariho kandi ko ategerezwa kwubahirizwa!!!

  • Amelika yabonye ibigwarudubi,izotegeka bikemera(MSDsinduhije)igihe izobibwira ati:raganisha abasangiye ibitsina bigaca vyemera,nivyo ihengamiko.Kuko muvyo Amelika ivuga ntanakimwe ifatirako c’ukuri.Ahubwo Sinduhije wee iyerekan ahuri!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.