IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Igihugu ca Suisse kizoguma gishigikira Uburundi mu bisata vy’iterambere’’

’’Igihugu ca Suisse kizoguma gishigikira Uburundi mu bisata vy’iterambere’’

vendredi 17 Nzero 2014

Claudio Tognola yahora arongoye ibiro vyo gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubwusuisse (Cooperation Suisse) yarangije ikiringo ciwe co gukorera hano mu Burundi.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Geravazi Rufyikiri, kuri uyu wa gatanu wa 17 Nzero 2014, akaba yakiriye mu biro iwe, uyo Claudio Tognola kugira baganire ku bijanye n’ivyaranguwe mu migenderanire isanzwe iri hagati y’Uburundi n’igihugu c’Ubusuisse. Gerevazi Rufyikiri akaba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ishima ibikorwa vyaranguwe mu migenderanire iri hagati y’Uburundi n’Ubusuisse, kuva Claudio Tognola agiserukira Ubusuisse gushika arangize ikiringo ciwe hano mu Burundi.

Reta y’Ubusuisse ikaba yarafashije Uburundi na cane cane mu gisata kiraba ivy’amatongo mu ntara ya Ngozi na Kanyanza, mu gisata co kwegereza ubutegetsi abenegihugu, mu bijanye n’amagara, mu bijanye n’agateka ka zinamuntu, ku bijanye n’amabi akorerwa abakenyezi, mw’iterambere rusangi hamwe no ku bibazo bijanye n’ibikorwa biraba umuhuza w’abarundi. Claudio Tagnola nawe yashimye ibikorwa vyose vyaranguwe hagati y’ugufashanya y’Uburundi n’Ubusuisse n’intambwe bigezeko. Akaba yamenyesheje ko igihugu c’Ubusuisse kizobandanya gishigikira Uburundi mu bikorwa vy’iterambere rirama.

Kubijanye n’ibikorwa navyo bitari bwahere gutunganywa, mu bisata bitandukanye bahora bafashanyamwo na Reta y’Uburundi na cane cane ibibazo biraba ivy’amatongo, Tagnola, yamenyesheje ko uno mwaka w’i 2014 bishobora kuzotorerwa inyishu. Mwomenya ko Claudio Tagnola yahora arongoye ibiro vy’Ubusuisse mu Burundi, asubiriwe n’uwitwa Elisabeth Alansar Pittloud.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.