Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Igihugu ca Tanzaniya caje imbere ya Kenya mu buhinga bwa Mobile (...)
Igihugu ca Tanzaniya caje imbere ya Kenya mu buhinga bwa Mobile Money
lundi 25 Myandagaro 2014
Igihugu ca Tanzaniya cagiye imbere igihugu ca Kenya mu buhinga bushasha bwo kurungika amafaranga hakoreshejwe terefone ngendanwa, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe GSMA( Association mondiale des opérateurs télécoms).
Muri ubwo buhinga buriko buratera imbere kw’isi hadasigaye inyuma n’Afrika y’Ubuseruko, igihugu ca Kenya cahora kiri mu bihugu bikoresha rwose ubwo buhinga, ariko amatohoza yagizwe na GSMA akerekana ko igihugu ca Tanzaniya naco caje imbere ya Kenya. Mu mwaka w’2013 gusa, abanyagihugu bo mu gihugu ca Tanzaniya bakaba bashoboye kurungika amafaranga y’amashiringi angana n’umuriyaridi n’ibice umunani w’amadolari y’Amerika (1,8 milliards de dollars.) Ivyo rero bikaba vyerekana ko abanyagihugu bo muri Tanzaniya bariko barijukira ubwo buryo bworohereza abanyagihugu batobato mu gisata co kurungika amafaranga hakoreshejwe amaterefone.
Muri ico gihugu kigizwe n’abantu bagera ku miriyoni zababa hafi 50 z’abantu, ibice 14 gusa kw’ijana vy’abanyagihugu akaba aribo bakoresha uburyo bw’amabanki.
Aristide Nizigire
Messages
25 Myandagaro 2014, 15:35, par inkuriryoshe
Ni "money mobile" canke ni "mobile money", hahah?