IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igikorwa c’isuku mu gisagara kiraba abanyagihugu n’abategetsi

Igikorwa c’isuku mu gisagara kiraba abanyagihugu n’abategetsi

vendredi 31 Rusama 2013

Mu ntumbero yo kugwanya umwanda mu gisagara ca Bujumbura kugira kigumane isuku, hahamagawe uwo wese akibamwo.

Muri urwo rugamba, Mairie ya Bujumbura yiyemeje kubishiramwo uruhara rukomeye kugira ngo igisagara kigumane isuku. Ariko rero umuntu agerageje kuraba iryo suku si ikirenga mu gisagara ca Bujumbura.

Ako kigoro ka Mairie ni bwo buryo bwo kugerageza gusukura igisagara buboneka kubera abantu basanzwe basukura ico gisagara bahembwa nayo.

Twaganiriye na bamwe mu bakenyezi basanzwe basukura ico gisagara batumenyesheje ko uwo murimo bawukora imisi yose kuva ku wa mbere gushika kuwa gatanu, bakaba bakora mu mirwi ibiri hari abakora guhera igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice z’agatondo gushika isaha indwi n’igice z’umurango, uwundi murwi ugatangura isaha y’indwi gushika isaha icenda.

Ku bijanye n’ubwoko bw’imyanda bamenyesha ko utumwanya n’ibishishwa vy’ivyamwa arivyo bigisibije.
Marie ya Bujumbura ica izana imodokari zipakira uwo mwanda zikuwujana ku Buterere.

Ntibibagiye kugira ico basaba kuko bavuga ko bobongera agashahara narirya ibiciro biduga ku musi ku musi, ingwara nazo ziti twatanzwe ugaca usanga ka gashahara k’ibihumbi bibiri ku musi basanzwe baronka katababumba, ubukene bukaka indaro mu miryango.

Abo basukurura igisagara barangije basaba ubutegetsi ko bwoshiraho ingingo rufasha zifatira ibihano abatubahiriza isuku mu gisagara kuko naho borara barakora, abanyagihugu batarajijuka, nta suku boshikako kuko ari atari igikorwa cabo gusa, ahubwo hakenewe n’amategeko atomoye ajanye n’isuku mu gisagara.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.