Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igipolisi c’Ububirigi cafashe babiri bagirizwa gutegura ibitero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igipolisi c’Ububirigi cafashe babiri bagirizwa gutegura ibitero (...)

Igipolisi c’Ububirigi cafashe babiri bagirizwa gutegura ibitero vy’iterabwoba

mardi 29 Kigarama 2015

Igipolisi c’Ububiligi cafashe abantu babiri bagirizwa gutegura ibitero vyo mw’ijoro buca bahimbaza umunsi mukuru w’umwaka mushashaari umwaka mushasha mu gisagara ca Bruxelles.

Bafashwe mu gikorwa co gusaka cakozwe n’abapolisi kuw’Imana no kuwa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015 i Bruxelles no mu ntara za Flemish, Brabant na Liege.

Muri ico gikorwa abapolisi barafashe impuzu za gisirikare, n’inyandiko zo kwimenyekanisha, ariko nta nkoho canke ibisasu biturika batoye.

Igihugu c’Ububiligi kimaze imisi kigavye, kuva habaye ibitero ku murwa mukuru w’Ubufaransa Paris ku wa 13 ukwezi kwa cumi na rimwe 2015.Abagize ivyo bitero nka bose bivugwa ko baba mu gihugu c’Ububiligi.

Abapolisi ariko bavuga ko abo bantu babiri bafashwe ata sano bafitaniye n’abagize ibitero i Paris bigahitana abantu 130.Umwe muri abo bafashwe yagirizwa kuba arongoye umugwi w’iterabwoba no kwandika abashaka kuwujamwo.

Nkuko vyatangajwe n’imboneshakure y’Ububiligi RTBF,abafashwe bagirizwa gutegura ibitero mu bibanza bitandukanye ku murwa mukuru w’Ububiligi Bruxelles, no ku gipolisi.

Impapuro zo kwimenyekanisha z’umugwi wa Etat Islamique ni bimwe mu bintu bafatanywe n’igipolisi.

Mu kwezi kwa cumi na rimwe, ibikorwa bidasanzwe vyamaze imisi ine, amashure, kaminuza n’uburyo bwo kwiyunguruza burahagarikwa, abategetsi batinya ko haba ibitero nk’ivyari vyabaye ku murwa mukuru w’Ubufaransa Paris.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Muburundi ababwiye abantu guturira abandibantu babona ububiligi bwaciye bubaha ikaze iwabwo, mbenkaburya nkabobafashe batorotse uburundi bukaca bubahikaze ububirigi bwovyifatamwo gute? (kunda mugenzawe nkuko wikunda)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.