Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiporisi cazindutse cugarije ahakorera ubuhinga bw’ivyuma bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igiporisi cazindutse cugarije ahakorera ubuhinga bw’ivyuma bwa (...)

Igiporisi cazindutse cugarije ahakorera ubuhinga bw’ivyuma bwa AFRICELL

mercredi 18 Ntwarante 2015, par IGIHE

Igipolisi cazindutse cugarije ahasanzwe hakorera abahinga b’ivyuma b’ishirahamwe AFRICELL (Site technique) iri muri karitiye Rohero ibarabara rya Bururi.

Guhera mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, kuva mu gaturuturu, igiporisi cari camaze kwugariza urwo rupangu, nta mukozi n’umwe w’iryo shirahamwe yashobora kwinjira muri ico kibanza mbere kivugwa ko ariho umutima w’iryo shirahamwe woba uri.

Nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo ibiri niho umukozi w’ishirahamwe rigenzura itumatumanako amakuru ARCT yaza akaba yaciye abaza abakozi iyo ababatwara bari na cane cane abayobozi ariko rero, umuyobozi ajejwe ubuhinga muri iryo shirahamwe akaba atariho yarari, kuko asanzwe ari mu rugendo mu mahanga. Baciye bamubwira ko uwusigaye bovugana ari uwusanzwe ari icegera c’uwujejwe urwego nshingwantwaro w’iryo shirahamwe, ariwe mushingamateka Bernard Busokoza, bahavuye baca bamumuha kuri terefone ngendanwa, naho nyene uwo muyobozi ajejwe ubuhinga muri ARCT, Pascal Mboniyeze yamusavye ko yorungika umuyobozi canke uwamusigaraniye, gurtyo bagashobora gukura mu nzira ivy’ico kibazo c’uguhagarika ibikorwa vy’ishirahamwe AFRICELL. Pascal Mboniyeze yahavuye agenda ariko igiprisi kibandanya cugarije ku miryango y’aho hasanzwe hakorera iryo shirahamwe, akaba yagiye asavye abakozi b’iryo shirahamwe gutekana kuko bagiye kuvugana n’abayobozi babo. Inkuru tuza kubandanya tubatohoreza.

Tubibutse ko ishirahamwe ARCT ryasohoye itangazo rivuga ko rigiye kwugara imihora ya AFRICELL guhera kuri uno wa 16 Ntwarante, imvo nazo akaba ari uko muri iryo shirahamwe batarishe imiriyoni 10 z’amadorare yo gusubira kuronswa uruhusha rwo gusubira gukora kuko urundi rwari rwaheze. Umushingamateka Bernard Busokoza asanzwe ari nawe ari icegera c’uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’iryo shirahamwe abicishije mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru cabaye kuri uwu wa kabiri, yasavye ko Reta yokwemera bakagira ibiganiro bakabaha n’umwanya wo kurondera ayo mafaranga, haba mu kurondera ingurane mu mabanki canke kurondera ayandi mashirahamwe biyunga, canke abandi banyamitahe binjiramwo mu ntumbero yo kubungabunga kazoza k’abakozi barenga amajana atatu bakorera iryo shirahamwe.

N’aho Bernard Busokoza mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri yahakanye ko ata mvo zindi zoba zinyegeje inyuma y’iryo yugarwa rya AFRICELL, hari amakuru avugwa ko iryo shirahamwe ryoba rigomba kwugarwa kubera imvo za poritike. Ikindi bavuga n’uko umuhora wa AFRICELL ariwo ugomba uce uhabwa rya shirahamwe ryo gutumatumanako "Viettel".


Floxella Karire

Messages

  • Ico mwomenya nuko ico atarico leta yokwihutira mu bihanze igihugu. ni bareke ikore bareke kudusamaza.

  • @ Soto, reta irabwabavyishi simwebwe murabwa nokuyikuragusa, wewe wumva igihugu citwa igihugu ukibaza kokigizwe nutuntuduke kirakabtukose kadakurikiranwe igihugu bishobora kugira ikibazo, nayowewe ngo ibindivyose nibihagarare ngonugihe cogukora ikintukimwegusa cogukura reta? Yewe rindira amatora aguhebuze wumirwe!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.