IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igipolisi ciyemeje kwegera abanyagihugu mu Burundi

Igipolisi ciyemeje kwegera abanyagihugu mu Burundi

mercredi 16 Nzero 2013

Igipolisi c’igihugu c’u Burundi kigiye gushiraho umugambi wiswe «igipolisi cegereye abanyagihugu»,uwo mugambi ukaba ari uwo gushira umuntu wese mu gikorwa co kubungabunga umutekano.

Mu ruganda rw’iminsi ibiri rwo gutanga insiguro y’umugambi w’igihugu wiswe igipolisi cegereye abanyagihugu,OPP1 Richard Ndayisaba umwe mu bagize umurwi wo kwiyumvira ku gipolisi cegereye abanyagihugu yamenyesheje ko ibiharuro vyavuye mu makomine 20 bafatiyeko ari vyiza kandi ko uwo mugambi ugiye gukwira bukebuke mu gihugu cose.

Uwo mugambi rero ukaba utuma umunyagihugu wese agira ico aterereye mu kubumbatira amahoro kuko akorana n’igipolisi iyo umutekano uhungabanye mu karere abayemwo.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.