Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Abagabo babiri bagirizwa kwica abamenyeshamakuru bariko (...)
Ubufaransa : Abagabo babiri bagirizwa kwica abamenyeshamakuru bariko bararonderwa
jeudi 8 Nzero 2015
Igiporisi c’igihugu c’ Ubufaransa cerekanye amasanamu y’abagao babiri bagirizwa ko aribo bateye inyubakwa ikoreramwo ikinyamakuru Charlie Hebdo.
Muri ico gitero cahitanye abamenyeshamakuru 10, n’abapoerisi babiri hamwe n’abandi bantu benshi bakomeretse, igihugu c’Ubufaransa kikaba camaze gutangiriza kugira abantu bakekwa kuba bari muri abo bagandaguye abo bamenyeshamakuru bafatwe. Umwidondoro wabo akaba ari abagabo babiri bavukana bazwi ku mazina ya Chérif na Said Kouachi, bafise imyaka 32 na 34 y’amavuko. Abo bagabo bose uko ari babiri bakaba bavukiye mu gihugu c’Ubufaransa, ndetse bakaba bafise n’ubwenegihugu bw’ico gihugu. Ntibagira abavyeyi, bakaba abavyeyi babo bari bavuye mu gihugu ca Algerie.
Umwe muri abo bicanyi rero akaba yari yanaciriwe urubanza mu mwaka w’2008, kuko yagirizwa kurungika abantu kurwana mu gihugu ca Irak. Igendereza ry’igihugu c’Ubufaransa rero rikaba ryari rizi abo bakozi b’ikibi. Kugeza ubu umwe muri abo batatu bishe abo bamenyeshamakuru akaba amaze kwishikana.
Aristide Nizigire