IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi cahagarikiye hagati ikiganiro OLUCOME yari yateguriye (...)

Igiporisi cahagarikiye hagati ikiganiro OLUCOME yari yateguriye abanyagihugu

jeudi 10 Mukakaro 2014

Nk’uko bari bavyiyemeje, mw’ishirahamwe OLUCOME baratunganije ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu ikiganiro ku banyagihugu mu ntumbero yo gutanguza urugamba bise "Nutubwire iyo wakuye ubutunzi bwawe". Haheze nk’isaha imwe gusa, abaporisi benshi barongowe n’uwujejwe umutekano muri komine Rohero barahagaritse ico kiganiro kw’itegeko bavuga ko ryavuye hejuru.

Abanyagihugu isinzi bari bitavye akamo bari batewe n’ishirahamwe OLUCOME, mu kiganiro co gutanguza urugamba muri OLUCOME bise "Nutubwire iyo wakuye ubutunzi bwawe". Gabriel RUFYIRI yari yamenyesheje ko yamaze gutororokanya amazina, amazu n’ayandi matunga yo mu buryo budasiguritse (enrichissement illicite) afiswe n’abategetsi, akaba yari yemeye ko ashobora kuyashira ahabona mu ntumbero yo gusaba abo bategetsi ko bokwisigura mu nzego zibijejwe. Mu kibanza ico kiganiro cariko kiraberamwo muri EGO Hotel ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, abanyagihugu batanguye bahanahana ivyiyumviro ku vyokorwa, mu ntumbero yo kurwanya ubukene bavuga ko bwugarije abanyagihugu, kandi hari akarwi k’abategetsi babandanya gutunga ibidasiguritse, bikaboneka ko hoba harimwo ugusesagura n’ukunyuruza amatunga y’igihugu, nk’uko bivugwa na Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME. Nk’isaha imwe gusa ikiganiro gitanguye, haciye hinjira umukuru w’igiporisi muri komine Rohero, asaba ko ico kiganiro cohagarikwa. Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yamenyesheje iyo ntwazangabo ko bari bamenyesheje ko baza kugira ico kiganiro, asigura ko naho vyokenerwa ko agihagarika, bomuzanira urwandiko, ikiganiro gica kirabandanya.

Nta mwanya munini waheze, haciye haza abaporisi benshi cane, baherekejwe n’umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, ari kumwe n’umwe mu bategetsi bo mu rwego rw’igendereza, ico kiganiro gica kirahagarara, abanyagihugu batahana agashavu biyumvira ingene mu ntwaro rusangi abanyagihugu bashobora kwankirwa gutunganya ikiganiro, kandi bari bakimenyesheje, aho tukabibutsa ko uko amategeko atunganya amanama avuga, ikiganiro barakimenyesha gusa, ariko ntibagisabira uruhusha, nk’uko benshi bakunda kuvyitiranya.

Hagumye amakenga ko Gabriel Rufyiri ashobora guhagarikwa n’igiporisi, kuko yagumye umwanya munini n’abo bategetsi bahagaritse ico kiganiro, biboneka ko bariko baramubaza ibibazo vyinshi. Muvyo twashoboye kubona, baramubajije insiguro y’igicapo cari ku mupira yari yambaye, ico naco kikaba cerekana umugabo inzara iri mu kwica, ariko agaburira uwundi mugabo avyibushe cane, kandi yambaye neza. Uwo mugabo yariko amugaburira yongera amubaza ati : "Amagorwa mfise azohera ryari?"

Vyatevye, Gabriel Rufyiri yahavuye yemererwa gutaha, ariko akavuga ko atangajwe n’ukubona abajejwe umutekano bahagarika ikiganiro yari yamamenyesheje inzego zose zibijejwe, gushika no ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Ku bwiwe, akabona ko ari ingendo yo kudashaka ko ukuri ku bunyonyezi bukorwa mu gihugu kumenyekana.

JPEG - 1.1 Mo
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Egide NDUWIMANA

Messages

  • bavyemera bareka ivyobarose bidaciye mukuri bizosubizwa ubu sinkakera atawamenya numukuru wigihu wamumva kwizina gusa,ngobarwanira demokarasi nibahende abana babo nimiryango yabo,jew bankuremwo zarinda zabo zitazopfa zuzuye.

  • Nimukur’ugwamo ngaho,we sivyubu kubera kera mutamenya nukuntu presidant yasa nico giyuma mutamenya ivyo mwasahuye?!,none rero ubu kubera abiyereka ninayo ntumbero mwihaye yo kumutobera ,asanura igihugu namwe mugisenya.emera mushire aho intahe yashize.nimutekereze.

  • Komera Rufyiri hamwe nabanyagihugu bitavye ico kiganiro!hasigaye kuja mu makomine kwigisha abene gihugu uburenganzira bahabwa na mategeko yigihugu cabibarutse!

  • wew mwami wumvise ngo kwiba niko gusanura igihugu,canke nugusanura indazobo ndasubiyemwo,umunyagihugu wubu siwakera rindira ukuri kwama arukuri rupfiri nabike kure ayomadosier ugihe kizovuga isaha igeze guturira amasoko nugusanura igihu ga mwami?

  • Ntabutegetsi uburundi bufise batinye ko bafatwa harageze iyo mihirimbiri yirirwa iriba amafara yareta bubaka amazu abarundi bagowe , izo ncumanga za ba pnb bagenza imitwe gusa kandi nabo baragow bakahenda ngo itegeko rirakurikizwa ntiriharirizwa bigakubita ibitwe ntivyibaz ko muneza barondera ko nabobarimwo bibagirako umu chef amutuma gutukana nabanyagihugu,kumugoroba bakamugemura ibahasha. Imbwa ruhina agategera igi sans oils cirabura provision bayigabanganye igihe nikigere abarundi bisubiz umutamana nibasara dusubire ishamba mbe bibazako kurasa twavyi agiwe tuzorasana uwuzorasa uyundi ibenyi abitore abirye hako akagwi kitwaje inguvu bahawe nabanyagihugu kugira baba korere bonona igihugu ,uyo mupresident nawe numutwe nkibuye ryintosho ari zii niki bandi mubindi urumva avuga. Igihe kiragez turabe

  • Ariko wewe wiyise MWAMI uri igito ntusigaje!Aho nta n’isoni kubw’ico ciyumviro utanze kweli!?Wewe ubone ibigega vyose vy’igihugu huzuyemwo ISIHA none nawe ngo ngwa’iki?Mugabo umuntu aravye ivyiyumviro vyawe ntagukeka ko nawewe ubwawe uri ISIHA nk’izindi!

  • Agaca kacakiye agahori gati uburyarya bwaraje akagaruka ntikoriye akandi. Rufyiri mwene mama ntuzire ubusa .Munda harara inzara hakavyuka inzigo. Imisi yigisuma iraharuye. kahise koba keza canke kabi ntikagaruka. karakarimi !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.