Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mombasa : Isakwa mu misigiti
Mombasa : Isakwa mu misigiti
lundi 17 Munyonyo 2014
Igiporisi co mu gihugu ca Kenya cagize isakwa mu misigiti ya Mombasa aho cari ciketse ko harimwo bamwe mu banywanyi ba al shebab bo mu gihugu ca Somaliya, umuntu umwe akaba yaciye agandagurwa n’ayo abandi bagera kuri 250 bakaba bafashwe mu masengesho yo mu gaturuturu.
Mu gihe bariko barasenga, abari mw’idini rya Islam bakaba bagiye bumva igiporisi kibahagaze hejuru mu gaturuturu buriko buraca mu misigiti ya Masjid Musa na Sakina iri hagati mu gisagara ca Mombasa, aho bariko barakekwa ko batunze ibirwanisho bitazwi. Umukuru w’igiporisi muri ako karere akaba yavuze ko bagize iryo sakwa kugira barabe ko amakuru yari amaze iminsi avugwa ko rumwe mu rwaruka rw’aho muri iyo misigiti ruriko rurategura igitero ari vyo.
Muri iryo sakwa, umwe mu basore akaba yishwe, mu gihe yashatse gutera igisasu ntezwaminwe abo baporisi. Muri abo bafashwe, abagera 251 bakaba bariko barabazwa, aho bakekwa kuba bari mu ntagondwa za al shebab.
Muri iryo sakwa rero mu giporisi bakaba bemeza ko bafashe amashoka, imipanga hamwe n’ibisasu ntezwaminwe.
Aristide Nizigire
Messages
17 Munyonyo 2014, 20:20, par Cyrille
Ni babapfunge imyaka 70 niho bogira ico biga kandi babaronderere agasho kababaza babapfunge bariko urujegeri rubahuza.Intagondwa ikwiye guhura niyindi.Prezida wa kenya komera turagushigikiye.Ntiwemere ngo namasengesho,kubita!!
17 Munyonyo 2014, 21:31, par hussein
iyo nipolitike ivyo bisasu ni yomipanga naba polisi baje babizanye kungira baronke ivugiro ariko ikinyoma kizongaragara kumusi wiherezo.
18 Munyonyo 2014, 14:07, par Butame
Abo baporisi ni bo boba bazanye kirya gisasu ,bakagiha urya musore bati:"gerageza ukidutere natwe duce tukurasa!"Iyo yoba ari politike nyabaki?Hariho abantu batigera bemera ko inkozi z’ibibi zibaho!reka bigirire amatohoza.
19 Munyonyo 2014, 08:38, par KAGABO ISSA
sivyambere kuko na yesu yaraburarabujwe kenshi n,abahakanyi ariko ijambo ry,imana sivyiyumviro vy,abantu.na brazil isigaye ifungwa ndwi murh mondial.