IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Igiporisi kirabandanya amatohoza ku vyerekeye Panama Papers

Igiporisi kirabandanya amatohoza ku vyerekeye Panama Papers

jeudi 14 Ndamukiza 2016, par egide

Igiporisi co mu gihugu ca Panama carakoze kuri uwu wa gatatu ibikorwa vyo gusaka ikigo c’abashingwamanza citwa Mossack Fonseca cagirizwa gufasha kubika mw’ibanga amafaranga y’abategetsi bakomeye kw’isi, akaba ari mu rukurikirane rw’amabanga aheruka gusohorwa yiswe Panama Papers.

Ico kigo Mossack Fonseca nico cagirijwe ko cafashije mw’inyuruzwa ry’amatagisi hamwe no kugira uruhara mu bindi bikorwa vya magendu.

Uwashinze ico kigo ariwe Ramon Fonseca, yamenyesheje ko ikigo ciwe ata mategeko carenze kandi ko ata mpapuro na zimwe cigeze kinyegeza canke kizimanganye.

JPEG - 30 ko
Ramon Fonseca

Bamwe mu bategetsi bakomeye kw’isi bagirizwa muri iryo nyuruza ry’amatagisi ni umukuru w’igihugu wa Ukraine Petro Poroshenko wa Ukraine, abagenzi ba Vladmir Putin umukuru w’igihugu c’Uburusiya, incuti z’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron, umushikiranganji wa mbere wa Pakistani Nawaz Sharif; hamwe n’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.