Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Igisagara ca mbere cakiriye ingenzi nyinshi mu mwaka w’i 2014
Igisagara ca mbere cakiriye ingenzi nyinshi mu mwaka w’i 2014
jeudi 26 Ruhuhuma 2015
Urutonde rw’ibisagara vyiza kw’isi vyagendewe n’ingenzi nyinshi mu mwaka w’i 2014 rwasohotse. Eka n’ibisagara birusha ibindi ubwiza mw’isuku, mu bibanza vyiratiro, bifise ikirere ciza rwasohotse.
- Londres
Ikinyamakuru 7sur7be candika ibisagara bitatu vyaronse ingenzi nyinshi mu mwaka w’i 2014. Igisagara ca Londres mu Bwongereza cabaye ica mbere cagendewe n’abantu benshi mu mwaka w’i 2014. Ubwa kabiri haza igisagara ca Bangkok, umurwa mukuru wa Thailand. Ubwa gatatu haza igisagara ca Paris mu Bufaransa. Urutonde rwakozwe n’ikinyamakuru 7sur7.be ntirutanga ibitigiri nyezina.
- Paris
Naho biruko, ibisagara ntibikundwa kumwe bivanye n’ico ingenzi zipfuza. Abakundana bishoboye bakunda kujana gutembera mu gisagara ca Paris mu Bufaransa( ico gisagara bacita: Ville Romantique). Hari n’igenzi zikunda ibisagara aho ikirere kimera neza(ville agreable), izo nazo zigwiriye mu gisagara ca Vienne muri Autriche. Igisagara ca Vienne kimaze imyaka itatu gifise ikibanza c’igisagara kimeze neza. Gikurikirwa na Zurich(Suisse), Auckland(Nouvelle Zelande), Munich(Allemagne), hamwe na Vancouver(Canada).
Igisagara ca Londres kandi kiri mu bisagara vya mbere bifise ibibanza vy’iratiro( Musee), ibibanza biharurwa kw’i 162, gikurikirwa n’igisagara ca Berlin na New York.
- Vienne
Ikindi kintu gihamagara ingenzi ni isuku ry’igisagara. Igisagara rero kirangwamwo isuku ryinshi rituma kigenderwa n;ingenzi nyinshi ni Singapour, Ubutaliyano na Australiya.
Mwomenyako ata gisagara na kimwe co muri Afrika kiri ku rutonde.
- Zurich
- Auckland
- Singapour
Cherif Nkeshimana
Messages
27 Ruhuhuma 2015, 11:35, par hussein
kigali kontayumvisemwo !!
27 Ruhuhuma 2015, 23:54, par kagabo
bujumbura niyo yambere kwisi
11 Ndamukiza 2018, 08:21, par Eric
Namengo Uburundi Bugira Kagatatu Kwisi?