Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igisagara ceranda ca Islam catewe n’umwiyahuzi
Igisagara ceranda ca Islam catewe n’umwiyahuzi
mardi 5 Mukakaro 2016, par
Imboneshakure ya Arabia Saudite yerekanye amashusho y’imodokari iriko yaka umuriro hafi y’umusigiti umwe wo mu gisagara ceranda ca Medina, mu kibanza gisanzwe gihagarikwamwo imodokari. Ayo mashusho yerekanye ko iruhande y’iyo miduga hari ikiziga.
Ico gitero cahuriranye n’ikindi cakozwe n’umwiyahuzi nyene mu kindi gisagara ca Qatif kirwiriyemwo aba Shia, hamwe n’ikindi gitero cakozwe ku biro vy’uwuserukira Reta zunze Ubumwe za Amerika, i Jeddah.
Muri ico gitero c’i Jeddah, hakomeretse abajejwe umutekano babiri.
BBC ivuga ko uwoba ari inyuma y’ivyo bitero ntaramenyekana.
IGIHE
Messages
6 Mukakaro 2016, 19:15, par man bernard
abo bagabo nukubigako kuko uravye neza usanga aho bari hose ku isi bateza umutekano muke.kimwe nukwiga cane ivyerekeye doctrine yabo ahandiho bazotumara!
7 Mukakaro 2016, 18:41, par edouard
edouard