Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisasu cahitanye abanyeshuri 47 muri Nigeria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igisasu cahitanye abanyeshuri 47 muri Nigeria

Igisasu cahitanye abanyeshuri 47 muri Nigeria

lundi 10 Munyonyo 2014

Abanyeshure bagera kuri 47 nibo bahitanywe n’igisasu abandi 79 barakomereka mu gihugu ca Nigeria.

Igiporisi co muri Nigeria kivuga ko umwiyahuzi yiyoberanije nk’umunyeshure yiturikijeko igisasu kw’ishure ryisumbuye riri mu gisagara ca Potiskum igihe abanyeshure bitegura bagomba kwinjira mu mashure.

Umuvuguzi w’igiporisi caho avuga ko n’imiburiburi abanyeshuri 47 aribo bahitanywe n’ico gisasu abandi 79 barakomereka. Ababibonye bavuga ko ico gisasu cakurikiwe n’akajagari kuri iryo shuri riri muri Yobe, ku buryo wasanga ibirato bisanzaye hirya no hino n’amaraso menshi aboneka hasi.

Nta muntu n’umwe canke umurwi wavuze ko ariwo uri inyuma y’ubwo bubisha, ariko ico gisagara ca Potiskum kimaze igihe cigaruriwe n’ibitero vy’abarwanyi bgendera ku mategeko akaze y’idini rya islamu ba Boko Haram.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.