IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisata c’ikawa cahawe imfashanyo na Banki y’isi yose

Igisata c’ikawa cahawe imfashanyo na Banki y’isi yose

mardi 7 Rusama 2013

Inama nkuru y’uburongozi bw’ibanki y’isi yose yarashikirije imfashanyo y’imiliyoni 4,2 z’amadolare y’abanyamerika aje gushigikira ibungaburwa ry’isi n’iterambere ry’igisata c’ikawa mu ntara za Bubanza na Muyinga mu gihugu c’Uburundi.

Ibanki y’isi yose yashatse kwerekana ko ishigikiye Leta y’Uburundi mu bikorwa vyayo vyo guteza imbere isi n’ibidukikije, cane cane igiterwa c’ikawa.

Iyo mfashanyo yatanzwe n’ikigega c’isi yose kijejwe gukingira ibidukikije(FEM). Ico kigega kikaba gihurikiyemwo ibihugu bigera ku jana na mirongo umunani na bibiri n’amashirahamwe mpuzamakungu yaba ayigenga canke ayakukira ama Leta.

JPEG - 21.3 ko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.