Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Uburundi buri inyuma mu gisata c’ubutunzi
Uburundi buri inyuma mu gisata c’ubutunzi
mardi 16 Ndamukiza 2013
Igisata c’ubutunzi mu Burundi kiracari inyuma, ugereranije n’ibindi bihugu biri mukarere k’ibihugu vy’Afrika y’ubuseruko .Uburundi bugeze ku bice bine kw’ijana, mu gihe ibindi bihugu vyo mukarere bigeze kurugero rurenza ibice bitandatu kw’ijana.Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Faustin Ndikumana mu kiganiro yahaye abanditsi n’abanyamakuru.
Igisata c’ubutunzi, kiri inyuma cane ugereranije ni vy’ ibindi bihugu vyaciye mungorane z’intambara nk’Uburundi aha twovuga nk’Urwanda rugeze kuri 15%,Liberiya igeze kuri 33%,Siyera Lewone igeze kuri 13%.
Kubwa Ndikumana umuhinga muvy’ubutunzi,avuga ko kudatera imbere murico gisata bitanga umwizero muke uravye aho bugeze kubice 70% vy’ubukene,ati bizogorana kugira umuntu ashobore kuva mungorane z’ubukene arimwo.
Abandanya avuga ko ingorane z’ubutunzi mu Burundi, zizoguma zihanze abanyabihugu mugihe hatarafatwa ingamba zikomeye mugisata c’irondoka,mugisata c’abikorera utwabo eka no mugihe ba kaboko bataratuzwa mu gihugu.
Itituka ry’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi gushika kubice 25% ryatumye bushirwa kurutonde rwa 185 ku bihugu 187 mu mwaka wa 2012 nkuko bibandanya bimenyeshwa n’uyo muhinga.
Aristide Nizigire