Accueil > Amakuru > u Burundi > Igishusho ca Rwagasore gishasha ku kibanza co kwikukira
Igishusho ca Rwagasore gishasha ku kibanza co kwikukira
samedi 1er Ruheshi 2013
Umunyeshure wo kw’ishure ry’isumbuye rya ETSA ryo mu ntara ya Gitega yakoze ikindi gishusho ca Rwagasore cashizwe ku bibanza co kwikukira kuruyu wa gatandatu mu gitondo. Abanyagisagara baragishima ngo uwo musore nafatwe mu mugongo ni gishusho ca Melchior NDADAYE gisubigwemwo.
Ico gishusho ca Ludoviko RWAGASORE cashizwe ku kibanza citiriwe ukwikukira kw’abarundi kuruyu wa gatandatu mu gitondo. Gishaka gusa n’ifoto ya Ludoviko RWAGASORE naho mu maso no ku mutwe havyibushe. Umuyobozi w’ishure rya ETSA ryo mu ntara ya Gitega aho uwo munyeshure yiga yagikoze ngo ntibaraheza kugikora bazobandanya bagiheraheze mu misi ya vuba.
Stany MISIGARO yakoze ico gishusho ngo ico camutwaye umwanya mwinshi n’uburyo butari buke. Agasaba ko leta yomufata mu mugongo akabandanya umwuga wiwe.
Abanyagisagara twasanze aho ku kibanza co kwikurira baje ari benshi gushengera ico gishusho ngo barashimishwa nico gishusho kuko gisa na Ludoviko RWAGASORE kitameze na kirya cahahora cakozwe nabahinga ba bashinwa. Bakabandanya bamenyesha ko bazoryoherwa cane babonye ko n’igishusho ca Melchior NDADAYE bagisubiyemwo.
Ico gishusho kije gusubirira ico abashinwa bahaye Uburundi mugihe yahimbaza imyaka 50 Uburundi bumaze bwikukiye. Ico gishusho c’abashinwa kikaba caridogewe na benshi.
Patrick Wasso
Messages
5 Ruheshi 2013, 08:00, par umusomyi
vyopfuma hakaboneka umuntu wo kumufasha aho kugira abashinwa baduhende baturungikira ba mao zedongo.... thx Melchior NDADAYE