Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Igisirikare c’Ubuganda kimenyesha ko kigiye gukora ibikomeye ku muhari Al (...)
Igisirikare c’Ubuganda kimenyesha ko kigiye gukora ibikomeye ku muhari Al Shabab
jeudi 3 Nyakanga 2015
Igisirikare c’Uubganda kimenyesha ko igitero c’abarwanyi b’umurwi ba Al-Shabab ku basirikare babo bari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya mu rwego rwa AMISOM kigiye gutuma bahindura ibintu.
Umuvugizi w’igisirikare c’Ubuganda colonel Paddy Ankunda yavuze ko abasirikare icumi na babiri b’igihugu c’Ubuganda aribo bitavye Imana mu gitero cabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 1 Nyakanga 2015,ku kirindiro cabo mu gisagara ca Janale.
Umuvugizi w’igisirikare c’Ubuganda arabeshuza kandi amakuru yashikirijwe n’umuhari Al-Shabab yavuga ko bishe abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda barenga 50.
Abaserukira ibihugu vya Buraya baba i Janale hamwe n’abandi banyagihugu baba muri ico gice kiri mu bumanuko bwa Somaliya ahabereye ico gitero,bavuga ko abasirikare b’Ubuganda bashika 100 bapfuye canke babuze irengero ryabo.
Umuhari Al Shabaab wavuze ko ibivugwa n’ Ubuganda ko bgiye gukora ibikomeye, ari amajambo gusa.
Van Naris Mugisha
Messages
5 Nyakanga 2015, 08:35, par Clovis
Ico mbona ntakuntu aba al-shabab bobatuza bagakoresha indege zo mu kirere kugra bababone neza.
5 Nyakanga 2015, 20:10, par Mico
eka sha !ni nde yaguhenze ko extremist ideology ,bayirwanya bakoresheje ama dege?gusa turi mu minsi yanyuma ;kuko n abanyamerica mur Siriya ;Afganistan;na Iraq vyabataye k w amazi man!
6 Nyakanga 2015, 09:08, par kabayiza justin
basore bacu mukomerezaho tubarinyuma