Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Igisirikare c’Ubuganda kirabeshuza ko ata musirikare waco yafashwe na (...)
Igisirikare c’Ubuganda kirabeshuza ko ata musirikare waco yafashwe na Al-shabaab
jeudi 10 Nyakanga 2015
Umuhari w’intagondwa z’abaislamu Al Shabaab wemeza ko wafashe abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya ku rwego rwa AMISOM.
Kuwa gatatu igenekerezo rya 9 Nyakanga 2015,umuvugizi w’umuhari Al-Shabaab Abdiaziz Abu Musab abicishije kw’iradiyo yegamiye Al-Qaida Andalus,yavuze ko abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda bafashwe kandi bari mw’ibohero kandi ko amagara yabo ameze neza kandi ko mu minsi ya vuba bazotanga amazina yabo n’amapete yabo.
Umuvugizi w’igisirikare c’Ubuganda Paddy Ankunda arabeshuza ayo makuru,akavuga ko ari ikinyoma,kuko bashobora gufata umwambaro bakawambika abandi bagaheza bakavuga ko ari abasirikare b’abagada kandi atari vyo.
Paddy Ankunda avuga ko ata musirikare n’umwe w’Ubuganda araburirwa irengero,kuva igitero kibaye.
Van Naris Mugisha
Messages
10 Nyakanga 2015, 12:18, par uwimana celestin
non barabesha nyen nivy cank sivyo bury ntiboba batafashe vyoba vyiza