Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitabo Laurent Bagbo yandikiye mu munyororo kigiye gusohoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igitabo Laurent Bagbo yandikiye mu munyororo kigiye gusohoka

Igitabo Laurent Bagbo yandikiye mu munyororo kigiye gusohoka

mercredi 25 Ruheshi 2014

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 26 Ruheshi 2014, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire, Laurent Bagbo, abifashijwemwo n’umumenyeshamakuru François Mattei, azoshira ahabona igitabu "Pour la vérité et la justice", igitabo yanditse ari mw’ibohero.

Muri ico gitabu bivugwa ko agiye gushira ahabona, aravuga cane cane ukuri ku ngorane ziri muri Côte d’ Ivoire, hamwe n’ibikorwa bibi vya Dominique de Villepin, Nicolas Sarkozy, Henri Konan Bedie hamwe na Guillaume Soro, tutibagiye na Alassane Ouattara. Muri ico gitabo, Laurent Bagbo aravuga ibitari bike kuri Nicolas Sarkozy yahora atwara igihugu c’Ubufaransa, aravugamwo kandi Jacques Chirac, yemeza ndetse ko yamufashije mu myiyamamazo yo mu mwaka w’2002.

Amakuru dukura kuri Jeune Afrique avuga ko ari igitabo, ku bantu bakunda kwihweza ibintu n’ibindi, bari barindiriye, aho uwo mugabo asanzwe akunda cane gusoma ibitabu yashimye kwandika ukuri kwiwe kwose aho afungiwe i Scheveningen, mu kurindira ko acirwa urubanza na sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Laurent Bagbo yoba yashatse kubanza kwereka ukuri kwiwe abanyagihugu bo muri Côte d’Ivoire, mu nyuma abamurwanya. Bikaba rero bivugwa ko yoba aribwo buryo yatoye bw’ukwiregura.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.