Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo c’abaririmvyi b’abarundi mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Igiteramo c’abaririmvyi b’abarundi mu Rwanda

Igiteramo c’abaririmvyi b’abarundi mu Rwanda

jeudi 11 Ruheshi 2015

Inyuma y’aho hatanguye imyiyerekano mu Burundi cane cane mu gisagara ca Bujumbura yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abaririmvyi nka bose b’abarundi baramaze guhunga igihugu c’uburundi, aho benshi babarizwa mu gihugu kibanyi c’urwanda.

Uravye abaririmvyi basigaye mu Burundi ni bake cane, vyongeye abagiye mu Rwanda bose n’abamaze kwubaka izina mu muziki w’Uburundi, ariko naho bagiye i Kigali basa n’ abaramaze kwifatira ico gisagara mu muziki wabo bakora, mu gihe bavuga ko bamaze kuhakorera ibiteramo, eka mbere no kuri uyu wa wa gatandatu, igenekerezo rya 13 Ruheshi, i Kigali hazoba ibiteramo bibiri vyose vy’abaririmvyi b’abarundi.

Ico giteramo BUJA GROOVE LIVE , kizoba kiremeshejew n’abaririmvyi nka R. FLOW , MATABARO na JAY FIRE, bazoteramisha abarundi n’abanyarwanda bari i Kigali mu kibaza citwa KAZEIN CLUB LOUNGE, igiteramo kizotangura isaha zibiri z’ijoro, amasaha yo mu Rwanda no mu Burundi, bakazotanghisha 3000 vy’amafaranga y’amanyarwanda mu kwinjira.

Kurikira indirimbo Changu Ni Changu Matabaro ft R Flow ( New BURUNDI Music Video 2014)


Bill Nkurunziza

Messages

  • NIMUKOMERE BANE B UBURUNDI IMANA IRABABONA NI MUBEREKE ABABANYI KO MUSHOBOYE MUBUZE AHO MUKORERA GUSA KUBERA INYUNGU ZABAMWE BAMWE TURAMUKIRIZE BENE WACU

  • @ Igihe.bi

    Mugerageze muze murabwira abanyamakuru banyu baze barandika inkuru zidasondetse kuko nkiyi nkuru iratekinitse cane.Uwutabizi yokwibaza ko aba ba stars bose bari mu Rwanda bahunze kandi bibereye mu Burundi ahubwo bazoba bagiye guteramisha abantu bo mu Rwanda nk’uko vyari bisanzwe biba!!Mugerageze kutaza murahamagarira abantu guhungira mu Rwanda kuko bitabaye uko ikinyamakuru canyu kirugarwa ejo canke hirya y’ejo.Aka naga secret ndabibiye nkumuntu yegere abajejwe kugenzura ibinyamakuru ejo ntimuzovuge ngo ntitwababwiye.Nimuvuge ukuri ko hari aba musiciens bake bahungiye mu Rwanda mugabo ko benshi muraba bazokora igiteramo bazoba bavuye iwabo mu burundi bagiye kukazi hanyuma bisubirire kandi iwabo bahejeje akazi kabo!!Please muze murasigura inkuru uko zimeze kuko si ubwa mbere kandi si ubwakabiri mwikika mukiza!!

  • nonega iconobona hari abazobironkeramwo inyungu nonentibazogaruka canke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.