Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo c’abaririmvyi ba kera n’aba none cibukije Abarundi umuziki wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Igiteramo c’abaririmvyi ba kera n’aba none cibukije Abarundi umuziki wa (...)

Igiteramo c’abaririmvyi ba kera n’aba none cibukije Abarundi umuziki wa kera

samedi 27 Nyakanga 2014

Igiteramo categuwe n’ubushikiranganji b’urwaruka inkino n’imico kama cabereye akaryo keza abacitavye ko kubona bamwe mu baririmvyi ba kera hamwe n’indirimbo zabo zakunzwe kandi n’ubu zigikundwa cane. Igiteramo categuwe mu ntumbero yo guhuza Abarundi mu butandukane bw’abo biciye mu muziki .

Ico giteramo cahuriyemwo abaririmvyi bahoze mu mirwi ndangakaranga aho ni nk’umurwi "UMUCO WERA" n’abandi baririmvyi ba kera nka se w’umuririmvyi Dogo A azwi mu ruririmbo "BENE WACU MBABWIRE".Ku ruhande rw’abaririmvyi ba none, hari umurwi witwa "CUT SOUND" uririmbamwo umuririmvyi azwi kw’izina rya Toussaint, Silas Damara ari nawe yuguruye igiteramo cahavuye gisozerwa na Rally Jo n’umurwi wiwe w’abatamvyi. Abantu ntibari benshi cane ugereranje n’ibibanza vyari vyateguwe, kwinjira hari ku buntu. Abaraho baranezerewe.

Inyuma y’igiteramo cari gifise icivugo gikurikira:" Abaririmvyi b’Abarundi mu gusubiza hamwe no kubumbatira amahoro", Twabajije insiguro y’ico civugo Leonard Sinzinkayo. Uwo ni umuyobozi mukuru w’imico kama mu bushikiranganji bw’urwaruka ati:" Intumbero ni gahamagarira Abarundi cane cane urwaruka kugira babone ko umuziki ushobora gufasha kuremesha imitima y’abantu muri kino twimirije amatora, igikorwa gitanguriye i Bujumbura ariko kizobandanya no hagati mu gihugu". Ikindi uwo muyobozi yavuze n’uko inzu "Palais des Arts et de la Culture" yashikirijwe abaririmvyi kugira bayikoreremwo ibiteramo n’ibindi bikorwa vy’umuziki.

JPEG - 66 ko
Sinzinkayo Leonard yaririmvye "Mporeza Umwana"

Eka n’umuririmvyi Rally Jo yarashimye ako karyo keza ariko asaba reta ko yokworohereza Abaririmvyi bagakora umuziki bagukiwe kuko ariko kazi kabatunzi n’imiryango y’abo. Avuga ko nk’ibiteramo vya karaoke vyorekurwa kuba basi bagashiraho amategeko abigenga.

Mwomenya ko naho hari imirwi ndangakaranga ya kera, humvikanye cane indirimbo z’ururirimi rw’icongereza. Ikindi n’uko Sinzinkayo Leonard yasubiyemwo ururirimbo rwiwe "Mporeza Umwana"afadikanije n’umuhungu wiwe Toussaint wo mu murwi CUT SOUND.

JPEG - 68.4 ko
Toussaint umuhungu wa Leonard Sinzinkayo
JPEG - 58 ko
Abaririmvyi bo mu murwi "UMUCO WERA"

Umviriza wongere urabe isanamu ya kera y’ururirimbo "Mporeza Umwana"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ni vyiza cane! Turakeje Ubushikiranganji bw Imico Kama bugize iyo ntambuko ihambaye. Tuboneyeho n akaryo ko gushimira Umushingantahe Leonard SINZINKAYO amaze nk ukwezi kumwe gusa agenywe muri ayo mabanga, akaba yerekanye umutwaro yari afitiye abaririmvyi n abacuraranzi b Abarundi mu vyerekeye kubaronsa aho bokwama bagirira ibiteramo vyabo. Turazi ko benshi muri bo batari bagishobora gutegura ibiteramo kubwo kubura uburyo bwo kuriha aho babikorera. MUKOZE IKINTU CIZA CANE. Ariko ababitahura ubwa mbere ni twebwe twaciye mu mirwi yo kuririmba y aho hambere, nka Orchestre national n Amabano mu myaka ya 1970 gushika 1980, tuzi ukuntu twifuje gushika kuri ico kintu ntibikunde.
    Tuboneyeho kandi kwibutsa abaririmvyi n abacuraranzi b Abarundi ba kino gihe, ko ivyo vyiza vyose Uburundi bufise muri kahise k umuziki, bikwiye kuzigamwa no gutezwa imbere twisunze ubuhinga mpuzamakungu bw Umuziki. Aha rero, tubasavye tubinginga ko botangura kwijukira kuja mu Mashure y ubuhinga bw Umuziki, kugira bigishwe bongere bategurwe neza, bamenye vyinshi mu mategeko agenga umuziki n ubuhinga bwo kuwandika no kuwuririmba no kuwigisha. Turakeneye abazi kwandika no gusoma no kuririmba mu buhinga bw umuziki bwitwa SOLFEGE. Turakeneye abahinga b umuziki b Abarundi babunyoye, bosubirira nyakwigendera Patiri Barengayabo, bashobora kwandika izo ndirimbo neza mu majwi yazo, bagahinyanyura n izindi nshasha bisunze amategeko y ubwo buhinga, kugira n abuzukuru n abuzukuruza bacu baze baziririmbe bubahirije amajwi zanditswemwo.

    Ivyo rero ni vyo turiko turakora muri kino gihe muri rya Shure ry Ubuhinga bw Umuziki ry i Gitega (INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA) riherutse kwugururwa. Ubu ririko ririgisha imisore n inkumi bahejeje amashure yisumbuye, bazoba abigisha b Umuziki mu mashure kugira Igihugu cacu coye gusubira gucokorwa ngo ntikigira incabwenge zize umuziki. BAZOMARA AMEZI ICENDA 9 gushika mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uza, bariko bariga ubuhinga n amategeko y umuziki, ukuntu wandikwa kandi uririmbwa, n ingene wigishwa, bafatanije n ubundi bushakashatsi bugezweho muri ico gisata c umuziki muri bino bihe. TUTARONSE INCABWENGE ZANONOSOYE IVY UMUZIKI, NTA HO UBURUNDI BUZOBA BURIKO BURAJA MURI ICO GISATA KUKO TUZOKWAMA TURIKO TURIGANA IVYO MU BINDI BIHUGU GUSA NK UKO BIMEZE UBU. Turasavye n abahejeje za kaminuza ngo bajemwo, bige mu buryo bunonosoye ivy amategeko y ubuhinga bw umuziki kugira bazovyigishe abandi. Murakoze.
    Ni, Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE
    Umuyobozi wa INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
    Email : jbaransananikiye@yahoo.fr
    Tél : 79 877 097 canke 77 758 123

  • Musenyeri Justin tera imbere ! Imana igutize imigisha n;inguvu uwo mugambi ushobora kuwushitsa .Ndashigikiye cane ibikorwa uriko urarangura , biboneka neza ko biva ku mutima ukunda mbere nambere igihugu, hanyuma ugakunda n’ umwuga wifuza kuzosigarana urwaruka . Ndakuzi , na rirya twakoranye muri irya Ministere y’Urwaruka hari hakiri Umushikiranganji Mworoha Emile nabandi bamufasha nka Ntambutso etc...Ndazi cane orchestre national n’uburyo mwarara kw’ijoro muri repetition muturonderera indirimbo ziryoheje amatwi.Nunze m’wijwi ryawe, hamwe nirya Padiri Ntabona, twari dukenye gusubiza abanyagihugu intimatima, babe sensible ala beaute, aux arts.. Gufuta enseignement musical mu gihugu, canke enseignement des arts en genera ni uukumugaza aBarundi bikabavuramwo kugira umutima w’igiti cumye nk’umukaratusi ata sensibilite a la beaute, ntibamenye kumviriza, no kuryoherwa n’ivyiza, bakirigwa basamye bahurumbira ibivuye ahandi, rwabo biri ngaho. Voila le probleme twagiyemwo, ni mudufashe kubogora, twari twasheshe. Tuzoca ngaho I Gitega kubaramutsa no kwihera ijisho aho mugejeje ikivi. tubarizwa kuri benhamenyi12@gmail.com, akazina ni Beninka.

  • abaririnvyi bakera barakwiriyekugumizwaho agaciro kuko baboneyizuba abubu indirimbozantizocazibagiranango nikoba tagihari nkakarorero novuga nkindirimbozacanco na kritsof matata izozaribagiranywe

  • Ndagushimiye cane Beninka, ndakwibuka. Biranezereye cane kubona mwibuka kandi mugashingira intahe Ibikorwa twakoze ijoro n’umutaga duharanira guteza imbere umuziki w’Uburundi aho hambere. Benshi mu basoma ibi binyamakuru ntibari bwavuke. Bose baratangara iyo bumvise nk akarorero ko twahembwa ibihumbi cumi na bitatu ku kwezi (jewe na Canjo twari twize amashure yisumbuye), abandi nka ba Kirundo na Buddy bagahembwa ibihumbi cumi gusa. Uno musi abariko barakora umuziki atari uw akaranga k Uburundi baca bayora imiliyoni mirongwibiri. Mbega umusi ayo mahera atazoboneka, nta muziki uzokorwa ?
    Aba bahejeje amashure yisumbuye turiko turigisha muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA bazokora ibikorwa ngirakamaro bizokwongera guha intumbero nziza n akanovera Umuziki wacu w Uburundi. Mbega mwari muzi ko kubera ukutaba barize amategeko y mpuzamakungu y ubuhinga nyabwo bw umuziki, hari ibintu vyinshi abaririmvyi b Abarundi ba kino gihe badashobora gushikako mu buhinga bwo kunagura umuziki. Birya bakora bizoruhira kuzimangana kuko bitagira ishingiro mu karanga k igihugu cabo. Hari n amahiganwa mpuzamakungu akomakomeye badashobora kujamwo kuko asaba kuba barize kandi bazi neza ubuhinga n amategeko y umuziki. Umwaka twatanguye bene ayo mahiganwa ngaha mu Burundi, benshi bazotangara kubona ko ata muririmvyi n umwe azobishobora kuko batazi kwandika no gusoma amanota yo mu buhinga bwa SOLFEGE.
    OLIDIA na we ati indirimbo z aba kera ntizikwiye kwibagirwa. Ivyo ni vyo vyatumye nandika ca gitabo mperutse gusohora citwa DE L INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE, kidonda ivy akahise k ingene uyu muziki tugezeko watanguye mu Burundi. Muri ico gitabo, harimwo inkuru z imvaho ku baririmvyi ba kera bose, hamwe n indirimbo zabo zose. Ndizera ko iyo ari intambuko ya mbere nyamukuru. Vyongeye, turiko turazitororokanya tuzandika mu manota ya SOLFEGE kugira zize zishirwe mu gitabo kizobikwa imyaka n imyaka. Murakoze.
    Ni Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.