Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi bo muri Congo n’Umufaransa Jean Remy Guedo bazobica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi bo muri Congo n’Umufaransa Jean Remy Guedo bazobica (...)

Abaririmvyi bo muri Congo n’Umufaransa Jean Remy Guedo bazobica bicike

lundi 24 Ntwarante 2014

Ikigo c’abafaransa c’i Bujumbura kiriko citegura kwakira igiteramo categuwe mu ntumbero yo kwibuka umuririmvyi mpuzamakungu wo mu gihugu ca Congo. Uwo muririmvyi azokwibukwa kubera umurya w’igitari ufitaniye isano n’umudiho wa Jazz uvuzwa mu bihugu vya Buraya. Hazoba ari mu ngendo bise "Franco na Biso"ziriko zibera mu karere.

JPEG - 83.3 ko
Iburyo hari Jean-Remy Guedo, ibibubamfu hari Maryse Ngalula

Inyuma y’igiteramo cabereye i Kinshasa, Umuririmvyi ava mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi azwi kw’izina rya Kojack Kossakamwve avuza igitari akongera akarongora amajwi y’abaririmvyi, ari kumwe n’umufaransa Jean Remy Guedo avuza igicurarangisho ca Saxophone bazobica bicike mu kigo c’Abafaransa kiri i Bujumbura. Hazoba ari mu ntumbero yo kwibuka umuhisi François Luambo Luanzo Makiadi yarazwi kandi n’ubu azwi kw’izina rya Franco Luambo yahoze aririmba akoresha igitari aho mu gihugu Congo. Bamwibuka kandi ku ntambo ya Rumbo Congolaise. Umurwi uzoba ugizwe n’abaririmvyi 5 urimwo abandi nka Alberto Mapoto avuza igitari akanaririmba, Christian Kamba avuza igicurarangisho citwa batterie nawenyene araririmba hamwe na Guy Tusiama avuza igicurarangisho citwa Basse électrique mu ruririmi rw’igifaransa.

Ivyo birori bizoba ari ku munsi wa gatandatu w’igenekerezo rya 29 Ntwarante kuva igihe c’isaha imwe y’ijoro. Kwinjira azoba ari amahera 2500 ku bana n’abanyeshuri, 4000 ku bakuze hamwe ni 7000 ku banyamahanga bari mu Burundi.

Mwomenyeko Franco Luambo ari umuririmvyi yavukiye ahitwa Sona-Bata muri Congo, hari kw’igenekerezo rya 06 Mukakaro 1938. Yapfiriye mu gihugu c’ububirigi ahitwa Mont Godine hari kw’igenekerezo rya 12 Gitugutu 1989. Uwo rero agiye kwibukwa inyuma y’imyaka 25 apfuye.

Uwo muhisi azwi mu ndirimbo nka: Ida, Princess Kikou, Layile, Temps Mort, Mario, Makambo Ezali Menene n’izindi zakunzwe cane mu myaka iheze.

Raba aha munsi agace k’igiteramo cabereye i Kinshasa.

Umviriza ururirimbo Makambo ezali minene ya Franco Luambo, rumwe mu ndirimbo ziwe zabica bigacika aho hambere hahise.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.