Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo c’amareresi mu Burundi na Ego Hotel - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Igiteramo c’amareresi mu Burundi na Ego Hotel

Igiteramo c’amareresi mu Burundi na Ego Hotel

samedi 26 Gitugutu 2013

Ku mugoroba w’ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Gitugutu, "Ego Hotel" yaratanguje umugambi mushasha "EGO CINEMA" wo guteramisha abantu, bafadikanije n’umurwi "Umuringa Fashion".

Ibirori nyezina vyaracerewe umwanya atari munini, bica vyuguruwa n’umuryosha giteramo (Comédien) César, aho yashoboye gutwenza no gutangaza abantu mu gikina bimwe benshi bita "Magie", akoresha ikarata. Yakurikiwe na "Défilé de Mode" y’abakobwa ubwa mbere, hakurikira iy’abahungu hama ya bose bari hamwe. Mu nyuma, ireresi "Un Havre de paix" yaciye yerekwa abantu isinzi banezerewe bari bitavye ivyo birori.

Ali Tuna, uwutunganya ibikorwa kuri "EGO HOTEL" yamenyesheje ko iciyumviro co gutegura ico giteraramo n’intumbero yaco, ari cane cane guteramisha abantu mu buryo bushasha bw’amareresi na Défilé de Mode" ya "Umuringa Fashion", hamwe n’abandi bagira utugenegene.
Ali Tuna abandanya avuga ko "Ego Cinema" izokwama iba rimwe mu ndwi, ku munsi w’Imana, mu kirasi c’ihoteri cabigenewe, gishobora kwakira abantu 300 canke barenga. "EGO CINEMA" izoza irabera kandi rimwe mu kwezi hanze, aho yariko iraberera ejo, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Tumubajije inyungu ababibonamwo, yishura ko inyungu babironderamwo atari amafaranga cane cane, ko gikuru ari uk’uko ibintu bishasha "Ego Hotel" itanguje mu Burundi vyo guteramisha abantu mu buryo bushasha bw’amareresi, Défilé de Mode" hamwe n’ibindi bikino bitandukanye vyogirira akamaro abagendera "Ego Hotel", n’abahateramira.

JPEG - 18.5 ko
Ali Tuna, uwutunganya ibikorwa kuri "EGO HOTEL"

Ibirori vyabaye mu mutekano ntangere vyagiye gusozerwa n’umuziki isaha zitanu.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.