Accueil > Kwidagadura > Gospel > Igiteramo ca Fabrice mu kigo c’abafaransa, IFB
Igiteramo ca Fabrice mu kigo c’abafaransa, IFB
samedi 2 Ntwarante 2013
Umuririmvyi Fabrice yaragirishije igiteramo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ntwarante 2013, mu kigo c’abafaransa IFB Hahoze ari CCF, muntumbero yo kurangiza umwaka w’2012 no gutangura uw’2013 mu maboko y’Imana.
Ico giteramo vyari bitegekanijwe ko gitangura igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba cagiye gutangura igihe c’isaha cumi na zibiri n’inusu. Ivyo ngo bikaba vyatumwe n’uko aho bagirira ico giteramo hatari bwahere gutegurwa neza.
Fabrice yari yateguranye ico giteramo n’umugwi wiwe witwa Heavenly Melodies.Barengutse imbere y’abarorerezi bashajije cane.Uwo muririmvyi yari yatumiye n’abandi baririmvyi baririmba indirimbo z’imana bazwi cane hano mu gihugu,aho two vuga nka Appolinaire ,Doudou, Fortran, David, Maya n’abandi.
Abo baririmvyi baramufashije kuryosha ico giteramo kuko hari n’indirimbo zishika kuri zibiri baririmbiye hamwe bashize amajwi yabo hamwe.Hari akanyamuneza kadasanzwe kuko vyaraboneka ko bari bavyiteguriye bikwiye.
Abari bishikiye muri ico kibanza bakaba bari bahimbawe cane kuko Fabrice arikumwe n’umugwi wiwe, nabatumire biwe vyaraboneka ko baririmba indirimbo bateguye neza.
Yaboneyeho akaryo kokumenyeshe ko ariko arakora urukurikirane rw’indirimbo nshasha azosohora muri ino minsi
Marie Cliare Ingabire