Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibimenyetso vyerekana ko igiteramo ca KINA MUSIC kizoba vyagiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ibimenyetso vyerekana ko igiteramo ca KINA MUSIC kizoba vyagiye (...)

Ibimenyetso vyerekana ko igiteramo ca KINA MUSIC kizoba vyagiye ahabona

mardi 23 Kigarama 2014

Nta nkeka igiteramo ca Volcano Xsmas Tour kizoba, bimwe mu bimenyetso vyerekana ko integuro z’igiteramo ziriko zigenda neza biramaza kuboneka. Abaririmvyi mvamahanga buca bashika mu Burundi, bafise kandi n’intumbero yo kuraba ubwiza bw’Uburundi.

Umurwi w’abaririmvyi ba KINA MUSIC urimwo : Dream Boyz, Christopher, Knowless Butera, na Tom Close buca bashika i Bujumbura. Amakuru duhabwa na Eddy Kamoso avuga ko abo baririmvyi bazoshika mu Burundi isaha zitandatu z’umurango. Ayo makuru nyene avuga ko abaririmvyi boje n’indege, ariko bose bazoza n’imiduga yabo. Ivyo bazobigira kubera bashaka kuraba ubwiza bw’Uburundi bari mu miduga.

Aho bukera kw’igenekerezo rya 24 Kigarama isaha indwi zuzuye "KINA MUSIC" bazoba ari abatumire mu kiganiro "Nezerwa na Sms Media" gica kuri Rema Fm kikaremeshwa n’umumenyeshamakuru-muririmvyi Eddy Kamoso.

Abaririmvyi Happy Famba, Black G, Lolilo, na Rally bararembeje imyiteguro yo kwakira abashitsi, bazosangira na Kina Music uruhimbi rw’abaririmvyi (Stage) kw’igenekerezo rya 25 kuri Musée Vivant. I Gitega bazokwakira KINA MUSIC kw’igenekerezo rya 27 Kigarama ku kibuga gikuru co muri iyo ntara. Kuri Otraco i Ngozi, KINA MUSIC n’umurwi w’ibihangange vy’umuziki w’Uburundi bazobateramisha abantu kw’igenekerezo rya 28 Kigarama.

Twobamenyesha ko uwurongoye Kina Music yamaze gushika mu Burundi.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Byakuvuna" rwa Kina Music


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.