Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo ca KINA MUSIC n’Abarundi carabonetsemwo ibitangaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Igiteramo ca KINA MUSIC n’Abarundi carabonetsemwo ibitangaza

Igiteramo ca KINA MUSIC n’Abarundi carabonetsemwo ibitangaza

vendredi 26 Kigarama 2014

Igiteramo cabereye kuri Musée Vivant kuri uwu wa kane cagiye mu rutonde rw’ibiteramo vy’Abarundi bimaze kwitabwa n’abantu benshi kandi mu mutekano ntangere. Bimwe mu bitangaza n’uko hari abasuma benshi, hamwe n’umukobwa akora akazi katamenyerewe ku bakobwa mu Burundi. Uwahomvye ni uwasivye.

Igiteramo c’agakura cuguruwe na Rally Jo hamwe n’umurwi wiwe w’abahungu n’abakobwa batamba, aho yerekanye ko igiteramo yari yaciteguriye. Lolilo n’umugore wiwe hamwe n’abatamvyi biwe barabiciye biracika mu ndirimbo zitandukanye n’intambo zitwengeje, abaraho barashoboye gutwenga n’imbavu ziruma, Happy Famba akundwa cane kubera ukuntu atamba nawe ntiyavyoroheje, Black G nawe aravyunyura. Umwanya wari ukwiye ku baririmvyi kuko umwe wese yararirimba hagati y’indirimbo zitatu na zitanu.

Umukobwa karuharuhariwe mu kuryosha ibiteramo wo mu Rwanda (Anitha), afadikanije na Christian Nsavye, ntako batakoze kugira abantu bagumize ijisho ku ruhimbi abaririmvyi bariko baririmbirako. Abarundi n’abarundikazi barashimishijwe na Anitha kuko ata murundikazi barabona akora ubu "Master of Ceremonies"mu biteramo bikomeye nk’ico. Ico cabaye igitangaza ca mbere muri ico giteramo.

Abaririmvyi b’Abarundi bahejeje harabaye agacerere gatoyi aho abari mu nteguro z’igiteramo bacanacanako baja kwongereza umutekano w’umuduga waruzanye umurwi w’abaririmvyi bo muri KINA MUSIC. Christopher niwe yatanguye aho yatera isinzi ry’abantu ryashika nk’ibihumbi bitandatu bakitabira. Uwo yaratevye akura n’agahuzu asigara mw’ipantaro gusa, yakurikiwe na Dream Boyz (TMC na Platini) baryoheye cane abantu. Knowless ashitse hoho ibintu vyarunyutse. Abari aho vyaraboneka ko igiteramo cakozwe n’abaririmvyi bakunda cane kandi bazi cane mu ndirimbo zabo, batanguye ururirimbo gusa, hasigara haririmba abari aho bavanze Abarundi n’Abanyarwanda.

Mwomenya ko igiteramo carimwo abasuma batagira uko bangana, bigatuma aba "MC" basaba abantu baraho ko bokwiyubara kuko abasopa bari benshi. Ivyo vyaboneka aho abajejwe umutekano (securité) baguma bafata abo basuma.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • tuvugeko nta camera mwari mufise ngo mufotore amafoto meshi? ubu ntitwokwizerako ivyo muvuze ari ukuri

  • Ntawobesha vyaribiryoshe, reka shimire abobabanyi bacu babanyarwanda baribaje kwifatikanya nabarundi kunezeranywa mwibibihe vyimpera yumwaka cane cane Noel, Ntakiryoshe nkokubona utemberera mugihugu maze ururimi wavuyemuzu iwawe uvuga akabarirwo ubandanya uvuga nomukindigihugu waviyemwo kubenegihugu bacobose natwe abarindinabanyarwanda akokantu nugukomeza tukishimira nkibindi dusanzwe duhuriyeko.

  • NDABONA ABABANDITSI BIKIKINYAMAKURUBACU ARABA EBWE, NIYA ATARA ANEBWE BARAMENYE NZIBAFISE IBIMORESHO KUKO IYABATARIVYOMVUZE BARIKWEREKA ABANTUBOSE BASHOBOYE KURABA IKIKINYAMAKURU UKUNTU BUJUMBURA YARISHAJIJE MUKWEREKANA BARYABANTU BARIMWABIRYABIRORI UKUNTU ARISINZI RYABANTU BINASHOBOTSE BAGANASHIRAHO AGACEGATOYA KA VIDEO MEZETUKARABA UKUNTU BANYIGANGA. NDIBAZA NYIHABUZE ABAKUNZE GUSOMA IKINYAMAKURU MUGENZIWIKI GIMORERA RWANDA NTAKWOBATAGIRA KUGIRA BAKOMEZE KURYOHERA ABANTU. NUKWORERO NIVYAKUNDA MURAGERAGEZA ARIKOTURAMOMEJE MUBISHIMIRA IVYONTITWOBIPFA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.