Accueil > Kwidagadura > Gospel > Igiteramo: Indwi yitiriwe umweranda
Igiteramo: Indwi yitiriwe umweranda
dimanche 10 Ruhuhuma 2013
Nkukodusanzwe tubimenyereye igenekerezo rya 14 ruhuhuma uko umwaka utashe harahimbazwa kw’isiyose umunsi mukuru w’itiriwe umweranda Valentino benshi bitango n’umunsi w’abakundana.
Hano mu gihugu c’u Burundi nkukotumaze imyaka mike tubibona ikigo gatolika basengeramwo arico foyer de charite de Bujumbura kiratunganya inyigisho muntumbero yogufasha abakirisitu gusenga basengeran’urworukundo rurimuribo.
Uno mwakarero icokigoca foyer de charite kikaba cashimye kwifatanya n’imigwi 5 y’urwaruka iririmbira hano mugisagara ca Bujumbura kugira baremeshe igiteramo gitegura indwi y’inyigisho yitiriwe valentine mweranda itangura kuvakuwa 10 kugeza kuwa 16ruhuhuma umwaka w’2013.
Icogiteramo kikaba rero cabaye kumunsi wagatanu no kuwagatandatu amagenekerezo ya 8 na 9 ruhuhuma unomwaka turimwo,icogiteramo kikaba cateramishijwe n’imigwi 5 y’urwaruka ruririmba mumashengero yabagatolika iyomigwi akaba ari Chorale st ingace de leyola yokuri St esprit gihosha,Chorale voix des anges yomukinindo paroisse regina pacis,Choralest Dominique irangurira ubutumwa ahasanzwe haba aba peredominicain,Chorale unocordeyo mu ngagara paroisse St joseph hamwe nafraternite les amis de jesus barangurira ubutumwa kuriparoise cathedral regina mundi.
Iyo minsi ibiri iyomigwi uko ari 5 ikabayaragiye hamwe iragira imugwi maze iraheza itegura igiteramo carikigizwe n ‘indirimbo zirimumidiho n’indimi zitandukanye nka zouk,slow,regea,rock n’ibindi n’ibindi,igiteramo kikaba carikiryoshe cane nkuko amakuru dukura mubaribaje kurorera abitumenyesha.
kubwabo ngo ryari iryambere babona imigwi yomumashengero yabagatolika ijahamwe kugira itunganye ikintu nkico.
Muri make rero icogiteramo kikaba cagenze neza tukabamenyeshako ahanini foyer de charite yagitunganije kugira ishobore no kuronka uburyo butuma bategura inyigishozo mu ndwi yitiriwe umweranda Valentino izonyigisho zikazoremesha n’abahinga muvyerekeye ivy’igistina (sexologue) babafaransa icivugoc’izonyigisho akaba ari; *Ubuzima ndangagistina n’ukurondoka bibereye iteka ry’umuntu*
Keza Alexandrine