IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Igitero cagizwe kwa Gaston Sindimwo coba cari categuwe nawe (...)

Igitero cagizwe kwa Gaston Sindimwo coba cari categuwe nawe nyene?

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Ivyashitse ku muhana wa Gaston Sindimwo vyari bifise intumbero, nk’uko bamwe mu badasigana ba UPRONA babivuga, uravye ibikorerwa abafashwe, hamwe n’irementanya ririko ritegurirwa bamwe mu bashingamateka b’umugambwe wa Rwagasore.

Lionel Ninteretse ( ku wa 8 Ntwarante ahejeje gukubitwa na bamwe mu mbonerakure za CNDD FDD)

Abafashwe babiri bakajanwa gupfungirwa mu biro vy’igiporisi bijejwe amatohoza BSR, boba bagirirwa nabi mu guhindurirwa ibibanza bari basanzwe bapfungirwamwo, mu ntumbero yo kubakorera ikibi. Abasore babiri basanzwe bapfunzwe bagirwa ko boba bateye amagerenade Gaston Sindimwo umunywanyi akomeye wa UPRONA ishami rya Konsiriya Nibigira, bakaba bahindurirwa ibibanza bapfungiwemwo canke bakabwirwa amajambo y’iterabwoba, iminsi yose iyo uwo avuga ko yahatswe kugandagurwa avuye muri BSR.

Amakuru yo kwizera, akaba ari ukwo, abantu batandatu bamaze kuza kwagiriza iyo misore itatu, ko ariyo yashatse kwiha inkumbi ku wa 16 Ntwarante ku rugo rwa Gaston Sindimwo, ariko bahashitse bagasanga ntibabazi abo baje kwagiriza. Ayandi makuru, akaba ari ukwo, Gaston Sindimwo yoba ariko akora ibishoboka vyose kugira aronke abagiriza iyo misore, aciye muri bamwe mu ba JRR kugira Lionel Ninteretse arongoye JRR muri komine ya Kanyosha hamwe na Fabrice Shurweryimana bapfunzwe bakatirwe uwa zero, co kimwe n’abandi badasigana baterekwa ibaba rya Konsiriya Nibigira.

Gaston Sindimwo ari muri UPRONA ibaba rya Konsiriya Nibigira

Igitangaje bamwe mu baporona, akaba ari ingene iyo misore ibiri ipfunzwe, yagiye ibona haje uwundi wa gatatu yitwa Olivier Iranzi, uwo nawe bikavugwa ko yoba yaje kugira irementanya bivugwa ko ryateguriwe abapfunzwe rigire inguvu, co kimwe n’abandi bariko bararonderwa. Ninteretse na Shurweryimana bakaba boba baranasabwe kuremeka inteba ishushe uwo wundi bapfunganywe, ariko bobo, bakabona ko yari amayeri yo kugira bapfungwe uwo guherayo.

Igitangaje kindi, akaba ari ingene batararenguka imbere y’umucamanza, ivyo vyose bikavugwa ko bikorwa na Gaston Sindimwo, mu ntumbero yo kubakorera ikibi, kuko iyo misore yoba yarasabwe kuva kera gushigikira ibaba rya Konsiriya Nibigira, ariko bakarahira. Kugumizwa muri BSR, co kimwe no guhindurirwa buri umwanya ikibanza bapfungiwemwo, bikaba vyoba bikorwa harimwo agashavu, n’akazigo k’inzikira ka bamwe mu bari mu mugambwe wa Rwagasore.

Yaba ivyaha vyagira iyo misore kuba barateramiye muri komine ya Nyakabiga umunsi umwe imbere y’uko Gaston Sindimwo aterwa, yaba kuba bagirwa kuba bashatse kugandagura Gaston Sindimwo, vyoba vyose vyari vyateguwe na Gaston Sindimwo n’abandi baporona bashigikiye Konsiriya Nibigira, mu ntumbero yo kwikiza bamwe mu bansi babo muri poritike, ndetse bamwe mu bihangange biri muri uyo mugambwe nka nk’abashingamateka Karori Nditije na Bernard Busokoza hamwe na Manwangari Jean Baptiste. Amakuru ava mu ba JRR bashigikiye Nditije Karori, akavuga ko iyo misore yatumiwe na bamwe mu bagenzi ba Gaston Sindimwo, gusangirira agacupa mu Nyakabiga, mu gihe bari bavuye muri Messe des Officiers. Ivyo vyose bikaba vyari bifise intumbero, yo kuzerekana ko aribo bashatse gukora amaraso

Bamwe mu Badasigana ubu bacanyemwo

Mukamenya ko mu mugambwe UPRONA atari ubwa mbere haba abapfungwa bagirwa ivyaha nk’ivyo. Manwangari Jean Baptiste umwe mu nararibonye muri uyo mugambwe wa Rwagasore, yarafashwe arapfungwa ku wa 11 Kigarama umwaka w’2011, yagirwa kuba yishe umuntu ku Mugumya, kandi Gaston Sindimwo n’abandi bantu bakorana nawe mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuri Terensiyo Sinunguruza, bakagirwa kuba aribo bateguye irementanya. Abaporona bamwe bamwe rero, bakavuga ko n’ivyashitse ubu, vyokurikiranirwa hagufi, kuko rishobora kuba ari irementanya ryeruye, mu ntumbero yo guhekereza urusyo abatavuga rumwe n’abandi muri poritike, na cane cane ko hari na bamwe mu baporona bigeze ku bazwa ko bashaka kwica Gaston Sindimwo, iminsi itari mike imbere y’uko aterwa amagerenade abiri.

Karori Nditije i buryo na Varisito Ngayimpenda i bubamfu barongoye UPRONA itemewe na Reta

Aristide Nizigire

Messages

  • Abanya-Canada barazi ko Sindimwo yahungishije umugore n’abana kugira asigare araturira igihugu. Bararahiye ko bazomushengeza niyahirahira akagaruka. Amakuru yo kwizera avuga ko bamaze gushikana inzandiko muri immigration Canada no muri sureté ya Kebeki.
    Muzoba mubona ko Sindimwo asubiye inyuma nk’ikimaramare abanje gupfungigwa i Laval.
    Twizere gusa ko umugore wiwe azomwishitura kugira ntamuhitane

  • Uwo mugabo yishizeko sparadrap, ico yibagiye ni uko zimwe yazishize mu mugongo izindi kuri face yimbere, bica vyerekana ko ivyo yarementanije atarivyo. Uwo mwana w’umu Congoman de la Tribu des Bashi kera yahora yitwa Sindano yogeza aho ivyo ariko arasambura umugambwe Uprona.

  • Mbega ninumu congomani???aahhhaa !!ahubwo ntabantu bahari ngo bakice ko wumva kariko karisengera ngo karahatswe gupfa!!nimukice cnke mushake mubireke aba DD bazobasafisha na concolie ntibibaze ngo ivyabo ba DD bizoherera harya!!!ndamushinye gusa nikijuju nagende!n’imbwa gusugusu!!akunda inda nkisiha!!

  • Moi je n’ai aucune doute, ni irementanya yagize we nyene. Abo bana babahora ubusa, ni babarekure bitahire. Uwo muntu mbona ninde amukeneye. nurwo apfuye ruramaze. None ko bapfunzwe yungutse iki atari kurara adasinziriye arondera ivyo arementanya. Courage mes chers JRR. Uwo Gaston eka na Concilie bashaka abo bakorera ikibi, ivyabo vyaramaze guhinyuka bazoheza nabi. Ntawarazi umuntu araho ko yotekereje, ningene yica agakiza 2005-2007;

  • Murahumba uyo mufasoni azobarongoora neza cane.mwoshaka mwoca bugufi,canke mukagezaho,mwicane hagati yanyu gusa abatutsi,ntimuhirahire ngo musubire kwica ABAHUTU bacu,ndabona ko muri mumitwe yamanyanga.ubaha amategeko mwa ba porona mwe,ubwe ntasoni,nimwikubite agashi.

  • Sindimwo nuzurihamagarira urupfu uzorubona iyo warayisimbutse ariko haraho iyindi utazoyisimbuka umusi wohuye numwana wimbonerakure yashiririyewewe azoyigusabirizamwo.wibukekoivyukoreraabandi naw uzobikorerwa mbe wibazako wew usumvya ubugenzi rajabu na petero???jean petit,maregarege nabandi barihe???

  • kareke kironderere agafu kikivunde ntuzi ko aba congoman babukunda.inda yaramunaniye azohaga ivu ryonyene.urupfu rworwo ntarukineko,kuko imbonerakure zirugendana mukiganza barazi kwici bikabije.nareke korondera umuriro ahenda uwo mukecuru atabona ko ari inabukwe wabakwe nabakazana,kandi ngo arasenga cane.ariko ntahende IMANA yoyo ibona ivyo azokwiyumvira gushika amaherezo yiwe.

  • Mbega aho avuga ngo bamuteye grenade hama irwa impande ziwe ngo aca arasimba arayayikwepa mbega igisoda ya gikoreye hehe co gukwepa grenade bamuteyeikagwa ibere ziwe !iyo yari I grenade canke ryari ibuye.nareke kurementanya iyo grenade ntayo yabonye!!!niyaba naho yarayibonye aba yarapfuye.nivyo bateguranye NA consiliya kugira bapfungishe abantu bamwebamwe banse kubakurikira.

  • Ahubwo nibamufate kuko niwe yateye grenade umukozi wiwe...nawe aca arahuga kugira avuge ko nawe yahatswe ?!.mbega ko mwase kutubwira umuntu wenyene yamubonye yakomeretse ncanke uwamutwaye kwamugGA,ncanke uwamuvye,ncanke uwabandanije amuvura ,ncanke twereke ibikomere ubu musubire mumufotore ibintu vyoroshe gusuzuma ,,,,,rekkkklkkaaaaaa

  • IWACU BAVUGA NGO RWAMUTEMA ..AKO KAGABO NTIKAZOJE MU BIHUGU BITEYE IMBERE JE NZOFASHA !!!!

  • Uwo muhimbiri nyakwicako ngo ni Gaston yibazaiivyariko aragira kobizhera uko nyene?

  • ni bihanure koko ntibigasubire kuba hano iwacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.