IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Igiti " Inzoga igisibije mu ntara ya Bururi

"Igiti " Inzoga igisibije mu ntara ya Bururi

mardi 29 Ndamukiza 2014

Mu ntara ya Bururi inzoga itemewe n’amategeko yitwa IGITI iratuma umutekano mu ngo n’imibano uhungabana. Igituma idatuzwa bivugwa ko hoba hari abaporisi hamwe n’abarongoye imitumba basanzwe bakorana n’abo bakora iyo nzoga.

Iyo nzoga bita Igiti iragisibije muri iyo ntara ya Bururi. Mu nama yari yatunganijwe na buramatari w’intara ya Bururi Gloriose Nimenya, basanze igituma iyo nzoga idatuzwa, bitumwa n’uko abaporisi n’abarongoye imitumba boba bakorana n’abagenga iyo nzoga.
Iyo nzoga rero ivugwa cane cane ku mitumba ya Mugina, Nyavyamo , Mibira, Burarana, Burunga, Kiremba na Gasanda yose ikaba iri mu makomine y’intara ya Bururi. Mu gukora iyo nzoga bakoresha inanasi, isukari ,levure hamwe n’icayi.
Iyo babuze isukari, baca bakoresha merasi bagaca bahonderamwo amatafari kugira ihindure ibara. Abanyoye iyo nzoga rero nibo akenshi usanga biraye mu mirima y’abarundi baja gusahura. Bamwe bavuga ko iyo nzoga igoye gutuza cane, kuko akenshi abayikora usanga bakorana n’abaporisi bamwe bamwe, hamwe n’abajejwe imitumba.

Abari muri iyo nama basavye ko abayikora bodomwako urutoke, ndetse bagahanwa hakwirikijwe amategeko.


Floxella Karire

Messages

  • ��������������������������������������kumbwaje nibazayuko bokoranya aboba porisi baka bumvisha yuko iyonzoga ikwiye gutuzwa kand ari neza ya twese bagakorana na bajejwe imitumba mugutanga impanuro

  • Reka umuntu anywe icashaka kuko nabategetsi munywa WISKY ETC ntawubafata kandi mushwana kureza ?kubera izoga zizi,butse zabantu bato bato muca muzigwanya muzisesa biraba je kandi atuwusesa izanyu birabanje

  • Jewe sinumva ingene babuza kunywa ico umuntu yifuza atawe atutse.
    Nibareke abantu bakuze binywere ico giti,ariko babuze abana batarakwiza imyaka 16 kunywa iyo nzoga.Ni inzoga y’abakene; abatunze banywa vyeri n’ibindi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.